Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 1:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Ntuz’ ugire ubgoba kubgabo, kuko nzoba ndi kumwe nawe ngo nkurokore, ni jewe Uhoraho mbivuze.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 1:8
31 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Iramwishura, it’ Erega nzoba ndi kumwe nawe, kand’ iki ni co kizokubera ikimenyamenya kw ari jewe nagutumye: ni wamara gukūra ubgo bgoko muri Egiputa, kur’ uyu musozi nyene ni ho muzonsabira.


Ni waca mu mazi nzoba ndi kumwe nawe, no mu nzūzi ntizizokurengera; ni waca mu muriro ntuzosha, kandi n’urubeya ntiruzokubabura.


Ni jewe, ni jewe nyene mbahūmuriza; uri nde utinya umuntu, kand’ azopfa; n’umwana w’ umuntu, kand’ azohinduka nk’ivyatsi?


Yemwe abazi ivy’ ukugororoka, ihanga rifise ivyagezwe vyanje mu mitima yanyu, ni munyumve: ntimugatinye ibitutsi vy’abantu, canke ngo murandurwe imitima n’ ugucokora kwabo.


None rero wewe va hasi ukenyere, ubabgire ivyo nkubarira vyose: ntuhindishwe agashitsi na bo, kugira ngo noye kuzoguhindishiriza agashitsi imbere yabo.


Bazokurwanya, ariko ntibazokunesha, kuko nzoba ndi kumwe nawe ngo nkurokore, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Ariko noneh’ Uhoraho ari kumwe nanje nk’umunyenkomezi n’uw’ igitinyiro; ni co kizotuma abampama batsitara, ntibaneshe: bazorimarima rwose kuko batākoze ivy’ ubgenge, bagire ibitētērwa bitazobavako, bitazoruha vyibagirana.


Kuko ndi kumwe nawe, ni jewe Uhoraho mbivuze, kugira ngo ngukize; kuko nzoherengeteza amahanga yose, ayo nagushwiragirijemwo: ariko weho sinzoguherengeteza; mugabo nzogubana ibigeze, sinzokureka ntaguhannye.


Maze Nebukadineza umwami w’i Babuloni agera Nebuzaradani uwo mukuru w’abashibamyi ku vya Yeremiya,


Ngo Reka gutinya umwami w’i Babuloni, uwo mutinya uwo; ntimumutinye, ni k’Uhoraho agize; ngo Kukw ari kumwe namwe ngw abakize, abarokore abakūre mu kuboko kwiwe.


Asangw’ ari ko bimeze, Imana yacu dusavye ishobora kudukiza mur’ iryo tanure ry’umuriro uhinda; kandi ntiyobura kudukiza mu kuboko kwawe, mugenzi.


Arababarira, at’ Erega ndabona abantu bane babohoye, bagendagenda mu muriro hagati, kandi nta co babaye; kand’ ishusho y’uwa kane isa n’iy’ umwana w’imana.


Nuko ntimuze mubatinye, kukw ata catwikiriwe kitazotwikururwa, canke kinyegejwe kitazomenyekana.


mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose. Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w’isi.


kuko ndi kumwe nawe, kandi nta muntu azogutera ngw akugirire nabi, kuko mfise abantu benshi mur’ iki gisagara.


ndagukize abo mur’ ubu bgoko bo n’abanyamahanga, ni bo ngutumyeko,


Babonye ugushira amanga kwa Petero na Yohana, kandi babona ko batigishijwe, atar’ abanyabgenge, baratangara; maze bamenya ko bābana na Yesu;


Kandi none, Mwami, rāba agahahirizo kabo, uhe abasavyi bawe kuvuga ijambo ryawe bashize amanga rwose:


kuko nd’ intumwa yabgo iboheshejwe umunyororo, nsigure ivyabgo nshize amanga, nk’uko bimbereye kuvuga.


Mushikame, mushire amanga, ntimutinye, ntimubacikire ivutu: kuk’ Uhoraho Imana yanyu ari we azojana namwe; ntazobaheba, ntazobata.


Uhoraho ni we azokuja imbere; azobana nawe, ntazoguheba, ntazoguta; ntutinye, nturanduke umutima.


Nta muntu n’umwe azoshobora kuguhagarara imbere imisi yose uzomara ukiriho: nk’uko nabanye na Mose ni ko nzobana nawe; sinzoguhemukira, sinzoguta.


None si jewe nkwibaririye, nti Shikama, ushire amanga? Nuko ntutinye, nturanduke umutima, kuko jewe Uhoraho Imana yawe ndi kumwe nawe ah’ uzoja hose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ