Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 1:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Arik’ Uhoraho arambarira, ati Nta co uvuga, ngo Ndacari muto; kuk’ uwo nzogutumako wese ari we uzojako, kand’ ico nzokubarira cose akaba ari co ukwiye kuvuga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 1:7
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mikaya aramwishura, ati Ndakurahiye uguhoraho kw’Uhoraho, ic’ Uhoraho ambarira cose ni co nja kuvuga.


Nuko none, Uhoraho Mana yanje, jewe umusavyi wawe wanyimitse mu gishingo ca data Dawidi, naho nkir’ umwana muto gusa; sinzi iyo bija n’iyo biva.


Mikaya aramwishura, ati Ndakurahiye uguhoraho kw’Uhoraho, ico Imana imbarira cose ni co nja kuvuga.


yaramubariye, ati Nd’ Uhoraho: bgira Farawo umwami wa Egiputa ico nkubarira cose.


rit’ Uku ni k’Uhoraho agize, ati Hagarara mu nyubakwa y’ingoro yanje Uhoraho, ubarire ab’ibisagara vyose vy’i Buyuda baza gusenga mu ngoro yanje, amajambo yose nkubarira yo kubabgira: ntusige na rimwe.


Maze Yeremiya ahejeje kubarira abantu bose amajambo yose y’Uhoraho Imana yabo, ayo Uhoraho Imana yabo yamubatumyeko, ni yo ya majambo yose,


Nawe naho wobabgira ayo majambo yose ntibazokwumva; kandi naho wobahamagara ntibazokwitaba.


Nuk’ uz’ ubabarire amajambo yanje, bovyumva batovyumva; kukw ar’ abagarariji.


Arikw igihe nzovugana nawe, nzogobotora akanwa kawe, nawe uz’ uheze ubabarire, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ng’ Ūgomba kwumva ni yumve, ūtabigomba n’areke: kukw ar’ inzu y’abagarariji.


Maz’ Uhoraho yankūye mu mukuku ndagiye, arambarira, ati Genda ubarire abantu banje b’Abisirayeli.


riti Va hasi uje i Ninewe, ca gisagara kinini, ukibūrire imbūri nzokubgira.


Imana iza kuri Balamu iryo joro, iramubarira, it’ Abo bantu asangwa baje kuguhamagara, pfa kuva hasi, ujane na bo; mugabo, ico nzokubarira cose, az’ abe ari co ukora gusa.


Balamu yishura Balaki, ati Rāba, noneho ndaje: yamara jewe ugira ngo har’ ico nshobora kuvuga ku ruhande rwanje? Ijambo Imana izonshira mu kanwa ni ryo nzovuga.


mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose. Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w’isi.


kuko ntacishije i ruhande mbabgira ivy’ Imana yagabiye vyose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ