Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 1:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 riti Ntarakubumbira mu nda nari ndakuzi, kand’ utarava muri yo nari narakurobanuye; nagushizeho kuba ūvugishwa nanje mu mahanga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 1:5
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Urukanka rw’umubiri wanje ntiwaruhishwa Hamwe naremerwa mu mpisho, Hamwe naremesherezwa ubgenge i bgina mw isi.


Nkir’ urusoro, inyonga zawe zarambona, Mu gitabo cawe handitswemw’ imisi yanje yose, Yashinzwe hatarabaho n’ umwe.


Maze Mose abgira Uhoraho, ati Rāba, wambariye ngo Dūgana abo bantu, ariko ntiwammenyesha uwo udutumanye. Yamara waravuze, uti Ndakuzi izina, kandi wagiriwe ubuntu imbere yanje.


Uhoraho yishura Mose, ati N’ico uvuze na co ndagikora, kuko nakugiriye ubuntu, nkakumenya izina.


uku ni k’Uhoraho agize, uwakuremye akakubumba uhereye ukiri mu nda, kand’ ari we azogutabara: ati Ntutinye, yewe Yakobo musavyi wanje, yewe Yeshuruni uwo natoranije.


Ni munyumve, yemwe ababa ku kiyaga; namwe mahanga ya kure, tega amatwi. Uhoraho yampamagaye ntaravuka; nkiri mu nda ya mama yamvuze izina:


None rero, uku ni k’Uhoraho agize, ni we yambumvye nkiri mu nda ngo mbe umusavyi wiwe, ngo ndamugarukanire Yakobo, Abisirayeli bakoranirizwe kuri we; kuko nd’ umwubahwa mu nyonga z’Uhoraho, kand’ Imana yanje yambereye inkomezi;


Rāba uyu musi ngushizeho kugira ubushobozi ku mahanga no ku bihugu vy’abami, bgo kurandura no gusangangura, guhonnya no gukomvomvora, bo n’ukwubaka no guteragira.


Aravumwe umuntu yazaniye inkuru data, at’ Uvyaye umwana w’umuhungu; bikamunezereza cane.


Kandi nzoshitsa kur’ ico gihugu amajambo yanje yose y’ivyo nakigeneye, ni vyo vyanditswe mur’ iki gitabo uko bingana, ivyo navugishije Yeremiya mbigeneye amahanga yose.


rit’ Abīra umuzingo w’igitabo, wandikemw’ amajambo yose nakubariye abūrira Abisirayeli n’Abayuda n’amahanga yose, utanguye umusi nakubaririye, uhereye ku ngoma ya Yosiya, ugashitsa no kur’ uyu musi.


Arik’ Umucunguzi wabo arakomeye: Uhoraho Nyen’ ingabo ni ryo zina ryiwe; azobītsa mu manza zabo, kugira ngw ahe isi kuruhuka, arikw atere ababa i Babuloni imitima ihagaze.


kukw azoba mukuru mu nyonga z’Umwami Imana; ntazonywa vino cank’ ikiboreza na kimwe; azokwuzuzwa Mpwemu Yera, ahereye ku kuva mu nda ya nyina,


Maze Elisabeti yumvise indamukanyo ya Mariya, inda ikinagira muri we, Elisabeti yuzuzwa Mpwemu Yera,


Kandi nawe, mwana, uzokwitwa umuntu avugishwa n’Īsumba vyose, Kuk’ uzokwītangira imbere y’Umwami Imana gutegūra inzira ziwe:


mwebge mubgira mute uwo Data yejeje, akamutuma mw isi, ng’ Urarogose, kuko navuze nti Nd’ Umwana w’Imana?


Paulo, umugurano wa Yesu Kristo, nahamagariwe kuba intumwa, narobanuriwe ubutumwa bgiza bg’Imana,


Kukw abo yamenye kera yabatoranirije kera gushushanywa n’ishusho y’Umwana wayo, kugira ngw abe imfura muri bene Se benshi:


Kandi yamushikirije vyose, ibishira musi y’ibirenge vyiwe, kand’ imuha ishengero ngw abe umutwe waryo wo gusumba vyose,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ