Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 1:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Kandi ryongera kuza no ku ngoma ya Yehoyakimu mwene Yosiya, umwami w’i Buyuda, gushitsa no kw iherezo ry’umwaka ugira icumi na rimwe Zedekiya mwene Yosiya, umwami w’i Buyuda, ari ku ngoma; rishitsa n’igihe ab’ i Yerusalemu bājanywe kw inyagano mu kwezi kwa gatanu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 1:3
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Farawo‐neko yimika Eliyakimu mwene Yosiya nyene, amusubiza ku ngoma ya se, ahindura izina ryiwe, amwita Yehoyakimu. Maz’ akūra Yehowahazi aho yar’ ari, amujana muri Egiputa, agwayo.


Maz’ umwami w’i Babuloni yimika Mataniya se wabo wa Yehoyakina mu gishingo ciwe, ahindura izina ryiwe amwita Zedekiya.


Bene Yosiya, uw’imfura ni Yohanani, uwa kabiri ni Yehoyakimu, uwa gatatu ni Zedekiya, uwa kane ni Shalumu.


Ijambo ryaje kuri Yeremiya rivuye k’Uhoraho, igihe Nebukadineza umwami w’i Babuloni n’ingabo ziwe zose n’abami bo mw isi yose yaganzwa na we, n’ amahanga yose, bāriko bararwana n’i Yerusalemu n’ibisagara vyaho vyose,


Ijambo ryaje kuri Yeremiya rivuye k’Uhoraho mu gihe ca Yehoyakimu mwene Yosiya, umwami w’i Buyuda,


rit’ Abīra umuzingo w’igitabo, wandikemw’ amajambo yose nakubariye abūrira Abisirayeli n’Abayuda n’amahanga yose, utanguye umusi nakubaririye, uhereye ku ngoma ya Yosiya, ugashitsa no kur’ uyu musi.


maze mu mwaka ugira icumi na rimwe Zedekiya ari ku ngoma, mu kwezi kwa kane, ku musi wakwo w’icenda, basatura uruzitiro rw’ico gisagara.


riti Barira abantu bose bo mu gihugu, bo n’abaherezi, uti Hamwe mwahora mwisonzesha mukaboroga mu kwezi kwa gatanu no mu kw’indwi mur’ iyi myaka yose ukw ari mirongwirindwi, mbega ni jewe ubganje mwagiye mwisonzeshereza?


rit’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Ukwisonzesha kwo mu kwezi kwa kane, n’ukwo mu kwa gatanu n’ukwo mu kw’indwi n’ukwo mu kw’icumi, kuzocikira inzu ya Yuda umunezero no guhimbarwa n’imisi mikuru y’akanyamuneza: nuko rero mukunde ukuri n’amahoro.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ