Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 1:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Ijambo ry’Uhoraho riza kuri we mu mwaka ugira icumi na gatatu Yosiya mwene Amoni, umwami w’i Buyuda, ari ku ngoma.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 1:2
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Avuga n’ ijwi rirenga, avugishijwe n’ijambo ry’Uhoraho, abarira ico gicaniro, at’ Ewe wa gicaniro, ewe wa gicaniro! Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Mu nzu ya Dawidi hazovuka umwana yitwa Yosiya; ngo Kand’ abaherezi bo mu bitabo vyo ku mpinga z’imisozi bahora bosereza imibavu kuri wewe, ng’ Uyo azobatanga bga bimazi kuri wewe nyene, ngo Kandi kuri wewe ni ho bazoturirira amagufa y’ abantu.


Bakiri ku meza, ijambo ry’ Uhoraho riza kuri wa muvugishwa yamugaruye;


Nuko Manase ahamvya ba sekuruza, ahambga mu murima wo ku rugo rwiwe, war’ umurima wa Uza; maz’ umuhungu wiwe Amoni asubira ku ngoma yiwe.


Maz’ abantu bo mu gihugu bica abo bantu bose bāgararije umwami Amoni, baraheza bimika Yosiya umuhungu wiwe, bamusubiza ku ngoma yiwe.


Mu mwaka ugira icumi n’ umunani umwami Yosiya ari ku ngoma, atuma umukarani Shafani mwene Asaliya, Asaliya wa Meshulamu, ngw aje mu ngoro y’Uhoraho,


Maz’ ijambo ry’Uhoraho rinzako, rirambaza, rit’ Ubonye iki ga Yeremiya? Ndavuga, nti Mbona ishami ry’umurinzi.


at’ Uhereye mu mwaka ugira icumi na gatatu wa Yosiya mwene Amoni, umwami w’i Buyuda, gushitsa no kur’ uyu musi, iyo myaka ukw ari mirongwibiri n’itatu, ijambo ry’ Uhoraho ryama rinzako, nanje nkaribabgira, nkāma nzindurwa no kubabarira, namwe ntimwumve.


Maz’ ijambo ry’ Uhoraho riza kur’ uwo muvugishwa Yeremiya, Hananiya kamenyi amaze kuvuna iyo ngōgo yari kw izosi ryiwe,


Kandi ku ngoma y’umwami Yosiya, Uhoraho arambarira, ati Mbega wabonye ico Isirayeli Inamusubiranyuma yakoze? Yadūze umusozi wose muremure, akaja no musi y’igiti cose gitōtahaye, akīhindurirayo maraya.


rit’ Abīra umuzingo w’igitabo, wandikemw’ amajambo yose nakubariye abūrira Abisirayeli n’Abayuda n’amahanga yose, utanguye umusi nakubaririye, uhereye ku ngoma ya Yosiya, ugashitsa no kur’ uyu musi.


Ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Hoseya mwene Beyeri, ku ngoma ya Uziya no ku ya Yotamu no ku ya Ahazi no ku ya Hezekiya, abami b’i Buyuda, hāri no ku ngoma ya Yerobowamu mwene Yehowasi, umwami w’Abisirayeli.


Ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Yoweli mwene Petuweli.


Ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Yona mwene Amitayi, riramubgira,


Ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Mika w’i Moresheti, ku ngoma ya Yotamu no ku ya Ahazi no ku ya Hezekiya, abami b’i Buyuda, amajambo y’ivyo yeretswe kuri Samariya n’i Yerusalemu.


Ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Zefaniya mwene Kushi, Kushi mwene Gedaliya, Gedaliya mwene Amariya, Amariya mwene Hezekiya, ku ngoma ya Yosiya mwene Amoni, umwami w’i Buyuda.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ