Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 1:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Kuko rāba, uyu musi nguhinduye igisagara cubakiwe inzitiro, nguhinduye n’inkingi y’icuma n’inzitiro z’imiringa, bitazotsindwa n’igihugu cose, canke n’abami b’i Buyuda, canke n’abaganwa baho, canke n’abaherezi baho, canke n’abantu bo mu gihugu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 1:18
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arik’ Umwami Uhoraho arantabara, ni co gituma ntatētērwa: ni co gituma ndinduka, mu maso hanje hakamera nk’ibuye, kandi nzi yuko ntazomāramāra.


None rero wewe va hasi ukenyere, ubabgire ivyo nkubarira vyose: ntuhindishwe agashitsi na bo, kugira ngo noye kuzoguhindishiriza agashitsi imbere yabo.


Bazokurwanya, ariko ntibazokunesha, kuko nzoba ndi kumwe nawe ngo nkurokore, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Erega mama, mbonye ibara, kuko wamvyaye nd’ umutēzi w’ intambara, nd’ umutēzi w’amahane mw isi yose! Nta we nagurāniye kuzohabga ay’ inyungu, kandi nta bāngurānye ngo nze mbahe ay’ inyungu: arik’ umuntu wese muri bo aramvuma.


Kandi mur’ ubu bgoko nzoguhindura uruzitiro rukomeye rw’imiringa; bazokurwanya, ariko ntibazokunesha, kuko nzoba ndi kumwe nawe ngo ngukize, nkurokore, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Ariko noneh’ Uhoraho ari kumwe nanje nk’umunyenkomezi n’uw’ igitinyiro; ni co kizotuma abampama batsitara, ntibaneshe: bazorimarima rwose kuko batākoze ivy’ ubgenge, bagire ibitētērwa bitazobavako, bitazoruha vyibagirana.


mut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ni we Mana y’Abisirayeli, at’ Ehe nzobakubiranya hamwe n’ibirwanishwa biri mu maboko yanyu, ivyo murwanisha umwami w’i Babuloni n’Abakaludaya babugarije, muriko murabarwanisha inyuma y’inzitiro z’iki gisagara, mbakoranirize hamwe hagati muri co.


Ariko Ahikamu mwene Shafani atabara Yeremiya, ngo ntātabge mu maboko y’abantu ngo bamwice.


nawe ubgawe ntuzomukira, ntuzobura gufatwa ng’ utangwe mu kuboko kwiwe; uzomwibonera imbonankubone, na we muzokwivuganira; kand’ uzoja i Babuloni.


rit’ Uku ni k’ Uhoraho agize, ni we Mana y’ Abisirayeli, at’ Uku abe ari ko mubarira umwami w’i Buyuda yabantumyeko kunsiguza, muti Rāba ingabo za Farawo zije kubatabara zizosubira muri Egiputa mu gihugu cabo.


Ariko n’utemera kwīsaba abaganwa b’umwami w’i Babuloni, iki gisagara kizotangwa mu maboko y’Abakaludaya, kandi bazogitongoza umuriro, nawe ntuzokwikiza ng’ uve mu maboko yabo.


ng’ Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Ūguma mur’ iki gisagara azokwicwa n’inkota n’inzara n’ ikīza: arik’ ūsokoroka muri co, akaja ku Bakaludaya, azobaho, kand’ azoba akijije amagara yiwe, abeho.


None rero ni mumenye mudakekeranya yuko muzokwicirwa n’inkota n’ inzara n’ikīza, aho hantu aho mwifuza kuja kuba.


Nguhinduye nk’uruganda n’umucuzi hagati mu bantu banje; kugira ng’ umenye ingeso zabo uzigerageze.


Amujana kuri Yesu. Yesu aramwitegereza, aramubgira, at’ Uri Simoni mwene Yohana; uzokwitwa Kefa (risobanurwa ngo Petero).


Ūnesha nzomugira inkingi yo mu rusengero rw’Imana yanje, kandi ntazosohoka ukundi, nanje nzomwandikakw izina ry’Imana yanje, n’iry’ umurwa w’Imana yanje, ni wo Yerusalemu musha, wururuka uvuye mw ijuru ku Mana yanje, kandi nzomwandikakw izina ryanje risha.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ