Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 1:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Nanje nzokwātamīra amateka mbaciriye kubg’ ibibi vyabo vyose bākoze; kuko bāndetse, bakosereza imibavu izindi mana, bagasenga ivyakozwe n’intoke zabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 1:16
44 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

muti Kuko bāmuvuyeko, bakosereza imibavu izindi mana, muti Bakamutēza umwikomo ibikorwa vyose vy’intoke zabo; muti Ni co kizotuma uburake bgiwe bururumba kur’ aha hantu, ntihagire ikibuzimya.


aja gusanganira Asa, aramubarira, ati Ni muntege amatwi, yewe Asa, mwe n’Abayuda n’Ababenyamini mwese: Uhoraho azokomeza kubana namwe ni mwakomeza kubana na we, kandi ni mwamurondera muzomubona; ariko ni mwamuheba na we azobaheba.


ariko yagendera mu ngeso z’abami b’Abisirayeli, agakoresha ibishushanyo vya za Bayali bivugutiwe mu nkero.


muti Kuko bāmuvuyeko, bakosereza imibavu izindi mana, muti Bakamutēza umwikomo ibikorwa vyose vy’intoke zabo; muti Ni co kizotuma uburake bgiwe busukwa aha hantu, ntihagire ikibuzimya.


Ariko ni mwanta, ntimwitondere ivyagezwe vyanje n’amabgirizwa yanje nabashize imbere, mukaja gusaba izindi mana, mukaba ari zo musenga,


Igihugu cabo cuzuye n’ibigirwamana; basenga ivyakozwe n’amaboko yabo, intoke zabo ubgabo ari zo zabikoze.


bātereye imana zabo mu muriro; ariko ntizar’ imana nya mana, zar’ izakozwe n’intoke z’abantu mu biti no mu mabuye; ni co catumye bazihonnya.


Hanyuma kikazobera umuntu inkwi zo gucana, azozābīra azōte, mber’ arazicana agacumba umutsima: kand’ akakibāzamw’ ikigirwamana akagisenga, akibāzamw’ igishushanyo akacikubita imbere.


N’abantu bahora banshinyaguriza imbonankubone, bagatangira ibimazi mu bigabiro, bakosereza imibavu ku bicaniro vyubakishijwe amatafari;


N’ivy’ ubusa gusa, n’igikorwa c’uruhendo; igihe cabo co kūzirwa bizoherengetezwa.


Kukw imigenzo y’amahanga ar’ iy’ ubusa: baca igiti co mu kibira, amaboko y’umuhumbizi akagitunganisha incabiti.


Maz’ ibisagara vy’i Buyuda n’ababa i Yerusalemu bazogenda gutakambira imana bāhora bosereza imibavu: ariko ntizizobakiza na gatoya mu gihe c’ivyago vyabo.


Kuko jewe Uhoraho Nyen’ ingabo nari narakubaditse, ari jewe nyene nkugeneye ivyago, kubg’ ibibi vyakozwe n’ab’ inzu ya Isirayeli n’ab’ inzu ya Yuda, ivyo bakoze vyo kundatsa, mu kwosereza Bayali imibavu.


Warantaye, ni jewe Uhoraho mbivuze, wasubiye inyuma; ni co gitumye nagushōreyek’ ukuboko nkaguhonnya; kwigarura kurandambiye.


Uz’ uce ubabgira, uti N’uko ba sogokuruza banyu bāmutaye, ni k’Uhoraho agize, bakagendanira izindi mana, bakazisaba bakazisenga, na we bakamuta, ntibitondere ivyagezwe vyiwe;


Ewe Uhoraho, vyizigiro vy’Abisirayeli, abagutaye bose bazorimarima; abakuvako bazokwandikwa mu mukungugu gusa, kuko bataye Uhoraho, ari we sōko y’amazi y’ ubugingo.


Yamar’ abantu banje baranyibagiye, boshereje imibavu ibitagira ikimazi; vyatumye batsitara mu nzira zabo, ni zo nzira za kera, ngo bajane inzira zikikamye, inzira zitanoze,


Kuko bāntaye, bagahumanya aha hantu, bakahoserereza imibavu izindi mana batigeze kumenya, bo na ba sekuruza n’abami b’i Buyuda; bakuzuza aha hantu ibitenga vy’ amaraso y’abatācumuye;


kukw abantu banje bakoze ibibi bibiri: bataye jewe, isōko y’amazi y’ubugingo, bakīyimbira ivyobo vyo kubīka amazi, ivyobo vyatobotsemw’ imishwena, bidashobora kugumamw’ amazi.


Mbega si wewe wavyihamagariye, kuko wataye Uhoraho Imana yawe akikurōngōra mu nzira?


Ivyaha vyawe ni vyo bizogukubita, n’ubuhemu bgawe ni bgo buzoguhana: uzomenya rero kand’ uzobona yukw ar’ ikintu c’icago kandi c’umururazi, kunta jewe Uhoraho Imana yawe, no kutampa igitinyiro, ni jewe Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo, mbivuze.


None se za mana zawe wironkeye ziri hehe? Ni zihaguruke, namba zishobora kugukiza mu gihe c’ivyago vyawe: kuk’ ukw ibisagara vyawe bingana, ewe Buyuda, ari kw imana zawe zingana.


arik’ umuyaga uruta ben’ uyo uzovayo ari jewe ndawugomoye: mur’ aka kanya ngira mbacirekw amateka.


Kubg’ ivyo isi izogandara, n’ijuru ryiraburanirwe: kuko mbivuze, kandi mbimaramaje, sinzokwigarura canke ngo nihindukize.


Ariko ntituzobura gushitsa ijambo ryose rivuye mu kanwa kacu, ngo twosereze imibavu umwamikazi wo mw ijuru, tumusukire n’ibiturire, nk’uko twahora dukora, twe na ba sogokuruza n’abami bacu n’abaganwa bacu, mu bisagara vy’i Buyuda no mu nzira z’i Yerusalemu: kukw ico gihe twagira indya nyinshi, tukibera amahoro, nta vyago twabona.


Mbeg’ ivyo ntibizotuma nisidukira? ni jewe Uhoraho mbibajije; mbeg’ umutima wanje ntuzohōra ubgoko bumeze burtyo?


Mbeg’ ivyo ntibizotuma nisidukira? ni k’Uhoraho abaza; mbeg’ ivyo umutima wanje ntuzobihōra ubgoko bumeze burtyo?


Non’ umuntu wese kw ar’ ikiyingiyingi ata bgenge agira! Umucuzi w’izahabu wese azotēterezwa n’igishushanyo ciwe yasaruye, kukw igishushanyo ciwe yavugutiye mu nkero ar’ ic’ ibinyoma, kandi nta mpwemu ziba muri vyo.


Mbega ntubona ivyo bakora mu bisagara vy’i Buyuda no mu nzira z’i Yerusalemu?


Abana batoragura udukwi, ba se bagacana umuriro, abagore bagacumba, ngo bahakurire imitsima umwamikazi wo mw ijuru, kandi ngo basukire ibiturire izindi mana, ngo bantere ishavu.


Mbega birashoboka ko mwiba, mukica, mugasambana, mukarahira ibinyoma, mukosereza Bayali imibavu, mukagendanira izindi mana mutigeze kumenya,


kandi wābīra imyambaro yawe ijererenze amabara urayivyambika; maz’ ubiterekereza amavuta yanje ya elayo n’imibavu yanje.


Ni jewe, Uhoraho, mbivuze: bizoshika, kand’ ari jewe mbikoze; sinzokwigarura, canke ngo ngire ico nziguriza, canke ngo nicuze; nk’ukw ingeso zawe ziri, kandi nk’ ukw ibikorwa vyawe biri, ni ko bazogucira urubanza, ni k’ Umwami Uhoraho agize.


Arik’ ukw abo navugisha bāshishikara kubahamagara, ni ko bārushiriza kubaja kure, bagatanga ibimazi kuri Bayali, bakosereza imibavu ibishushanyo bibājwe.


Kukw ico kigirwamana candurutse ku Bisirayeli, umukozi ni we yagikoze: ereg’ ico s’Imana nya mana: mber’ iyo masa y’i Samariya izovunagurwa.


Maz’ Uhoraho akarangurura ijwi imbere y’ igitero ciwe, kukw ingabo ziwe zihambaye cane; ereg’ uwo yama ashitsa ijambo ryiwe n’uw’ ubushobozi! Kuk’ umusi w’Uhoraho ar’ ūhambaye kand’ uteye ubgoba cane: ni nde yoshobora kuwihanganira?


Bironkera igishushanyo c’imasa mur’ iyo misi, ico kigirwamana bakizanira ibimazi, bahimbarwa n’ibikorwa vy’intoke zabo.


Uhoraho azobarungikira umuvumo, n’amananiza, n’ubgihebūre, mu vyo muzogerageza gukora vyose, gushitsa aho muzorandurirwa, mugaherengetera vuba, muhōwe ibibi muzoba mwakoze, vyatumye mumuheba.


Uhoraho abarira Mose, ati Rāba, ugiye guhamvya ba sogokuruza bawe; kand’ iri hanga rizohaguruka, bahurumbire izindi mana nk’ibimaka, ari vyo bigirwamana vy’ico gihugu, aho bagiye kuja kuba muri bene co, bamveko, bice isezerano ryanje nasezeranye na bo.


Kuko ni mwaheba Uhoraho, mugasaba imana z’inyamahanga, azohindukira abagirire nabi, abarandure, naho yari yarabagiriye neza.


Abantu bārokotse, batishwe n’ivyo vyago, ntibihana ivyakozwe n’intoke zabo, ngo bareke gusenga abadayimoni n’ibigirwamana vy’izahabu n’ivy’ ifeza n’ivy’ imiringa n’ivy’ amabuye n’ivy’ ibiti, bidashobora kubona canke kwumva canke kugenda:


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ