Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 1:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Nuk’ Uhoraho arambarira, at’ I burārūko hazoturuka ivyago bizoza biziye ababa mu gihugu bose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 1:14
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umve ijwi ry’impuha, ngw imivurungano ikomeye iraje, ivuye mu gihugu c’i burārūko, kugira ngw ibisagara vy’i Buyuda bigirwe imisaka, habe i wabo w’imbgebge.


Muhunge mwikize, mwebge Babenyamini, muve hagati muri Yerusalemu; muvugirize inzamba i Tekowa, kand’ i Beti‐hakeremu muhashire inderetsi yo gutabaza; kukw ivyago bisēsetse i burārūko, n’ukugeseza gukomeye.


Mushinge ibendera aherekeye i Siyoni: muhunge mwikize, ntimutebagane: kukw ehe rāba, nzanye ivyago biturutse i burārūko, n’ukugeseza gukomeye.


Nahagurukije umuntu avuye i burārūko, kand’ araje; uwambaza izina ryanje avuye i burasirazuba: azokāta abaganza nk’ūkāta urwondo, canke nk’uk’ umubumvyi akāta ibumba.


Ngize ntya, mbona umuyaga w’ikirura uje uturutse i burārūko, igicu kininiya kirabagizamw’ umuriro, gikikijwe n’ibibatsi bituruka hagati muri wo, biboneka nk’ umuringa w’umujumbu, bituruka hagati mur’ uwo muriro.


Eh’ ubgoko buraje buvuye i burārūko; ihanga rikomeye n’ abami benshi bazovyutswa bave ku mpera y’isi.


Kuko rāba, nzoyagamvya ikoraniro ry’amahanga ahambaye aturutse i burārūko, ngw adūge atere i Babuloni: kandi bazotonda urugamba kuharwanya; bazohatsinda bahereye kur’ urwo ruhande: imyampi yabo izoba nk’iy’ umuhizi w’umuhanga: nta wuzogwa hasi.


Egiputa n’inka y’iriza iteye igomwe rwose; ariko haje ikibugu kivuye i burārūko, kirashitse.


Ehe nzobazana mbakūye mu gihugu c’i burārūko, mbakoranirize hamwe mbakūye ku mpera z’ isi; kandi bazozanana n’impumyi n’ūcumbagira, n’umugore akuriwe hamwe n’ūramutswe: bazogaruka ino ar’ ishengero rinini.


Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Eh’ ubgoko buraje buvuye mu gihugu c’i burārūko; ihanga rikomeye rizovyutswa rive ku mpera y’isi.


Wa rembo we, boroga! Nawe gisagara, urire! Bufilisitiya we, iy’ uva ukagera hose, urayaze nk’amavuta, kukw i burārūko havuye umwotsi, kandi nta wusigara yikwega mu ngabo ziwe.


Kuko jewe Uhoraho Nyen’ ingabo nari narakubaditse, ari jewe nyene nkugeneye ivyago, kubg’ ibibi vyakozwe n’ab’ inzu ya Isirayeli n’ab’ inzu ya Yuda, ivyo bakoze vyo kundatsa, mu kwosereza Bayali imibavu.


Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Eh’ amazi azodudubiza avuye i burārūko ahinduke uruzi rudengereye, ruzodengera rurenge ku gihugu no ku birimwo vyose, rurenge ku gisagara no ku bakibamwo bose: abantu bazotaka, n’ ababa mu gihugu bose bazoboroga.


Ab’ inzu y’ abagarariji ubacire umugani, ubabgire, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Tereka, tereka inkono ku ziko, utek’ usukemwo n’amazi:


Ariko ba bansi b’i burārūko nzobabashira kure, ndabahindire mu gihugu c’ikigatwa c’akāhebge, ab’ imbere mbasuke mu kiyaga c’i burasirazuba, ab’ inyuma mu c’i burengerazuba; kand’ umunuko wabo uzoduhuka, bo n’agacūku k’ibore ryabo na ko n’uko, kuko bākoze ibihambaye.


Umukogote ukwegwa n’amafarasi y’imifyiri ugiye mu gihugu c’i burārūko, ay’ ibitare arayakurikiye; ay’ ibibamba na yo agiye mu gihugu c’i bumanuko.


nzotuma kugomora imiryango yose y’i burārūko, ni jewe Uhoraho mbivuze, kandi nzotuma no kuri Nebukadineza umwami w’i Babuloni, umusavyi wanje, mbazane ngo barwanye iki gihugu n’abakibamwo, barwanye n’aya mahanga yose agikikije; kandi nzobageseza rwose, mbahindure akajoreza, n’abo kuvuzwakw agahwa, n’iciro ry’imigani ibihe bidashira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ