11 Maz’ ijambo ry’Uhoraho rinzako, rirambaza, rit’ Ubonye iki ga Yeremiya? Ndavuga, nti Mbona ishami ry’umurinzi.
Yakobo aca inkoni mbisi zitwa imilebeni n’izitwa shakedi n’ izitwa imyarumoni, azicakw amabara yera asa n’imisengo, agaragaza ahēra h’imbere ku nkoni.
uko ni kw ijambo ryanje riva mu kanwa kanje rizomera: ntirizogaruka ubusa, ariko rizoshitsa ivyo ngomba, rizosozera ico naritumye.
Maz’ Uhoraho arambaza, at’ Ubonye iki ga Yeremiya? Ndamwishura, nti Mbonye insukoni; inziza ni nziza cane, iziboze ziraboze cane, zitoshoboka kuribga kubgo kubora.
Kuko jewe nd’Uhoraho: nzovuga, kand’ ijambo nzovuga rizoshika; ntirizokwongera kurekerwa mu rutendeko: kuko mu gihe canyu, mwebge ab’ inzu y’abagarariji, nzovuga kandi nshitse ico navuze, ni k’Umwami Uhoraho agize.
Nuko rer’ ubabarire, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Amajambo yanje yose nta na rimwe rizosubira kurekerwa mu rutendeko, arikw ijambo nzovuga rizoshika, ni k’ Umwami Uhoraho agize.
Ehe wa musi, nguyu uraje: igihano cawe kirashitse; inkoni yabaye umusozo, ubgibone buratutuje.
Maz’ Uhoraho arambaza, at’ Ubonye iki ga Amosi? Nti Mbonye karisho. Nuk’ Umwami aravuga, ati Rāba, ngira ndekurire karisho hagati mu bantu banje b’Abisirayeli; kandi sinzosubira kwirengagiza ivyabo ukundi:
Maz’ arambaza, at’ Ubonye iki ga Amosi? Nti Mbonye igisimbo c’amatunda ahīshiye. Maz’ Uhoraho arambgira, at’ Amateka y’abantu banje b’Abisirayeli arahīshishijwe; kandi sinzosubira kwirengagiza ivyabo ukundi.
arambaza, at’ Ubona iki? Ndamwishura, nti Mbona igiterekwakw amatara, cose gicuzwe mw izahabu, umubehe waco ur’ ahahera hejuru, ushamitsekw amatara ndwi; kand’ ayo matara ari hejuru kuri wo, rimwe‐rimwe rifise umuheha, yose ukw ar’ indwi.
Arambaza, at’ Ubona iki? Ndamwishura, nti Mbona umuzingo w’igitabo uguruka: uburebure bgawo n’amatambge mirongwibiri y’ukuboko uciriye mu nkokora, ubgaguke bgawo n’amatambge cumi.
Bukeye bgaho Mose yinjira mur’ iryo hema ry’Ibishinga intahe; agize ngw ararāba, asanga inkoni ya Aroni yatangiwe inzu ya Lewi yanaze, ipfunditse amapfundo, isambuye amashurwe, yamyeko shakedi zihishiye.