Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 1:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Rāba uyu musi ngushizeho kugira ubushobozi ku mahanga no ku bihugu vy’abami, bgo kurandura no gusangangura, guhonnya no gukomvomvora, bo n’ukwubaka no guteragira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 1:10
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bukeye Eliya w’i Tishubi, umwe mu bāgerereye i Gileyadi, aragenda abarira Ahabu, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, ari we nyene nsavye, yukw ata kime kizotonda cank’ imvura ngw ikoroke mur’ iyi myaka, atari jewe mbivuze.


Maz’ ūzokira inkota ya Hazayeli, Yehu azomwica; ūzokira iya Yehu, Elisa azomwica.


igihe co kwica n’igihe co gukiza; igihe co gusambura n’igihe co kwubaka;


riti Ntarakubumbira mu nda nari ndakuzi, kand’ utarava muri yo nari narakurobanuye; nagushizeho kuba ūvugishwa nanje mu mahanga.


Kuko nzobashirakw ijisho kugira ngo mbagirire neza, kandi nzosubira kubagarukana mur’ iki gihugu: nzobubaka, sinzobasambura; nzobatēragira, sinzobarandura.


Kandi nzoshitsa kur’ ico gihugu amajambo yanje yose y’ivyo nakigeneye, ni vyo vyanditswe mur’ iki gitabo uko bingana, ivyo navugishije Yeremiya mbigeneye amahanga yose.


Maz’ ico gihe, nk’uko nabahozakw igitsure ngo mbarandure, mbahomvore, mbasangangure, mbahonnye, mbababaze, ni ko nzobahozakw ijisho ngo mbubake mbatēragire, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Kand’ umwonga wose uhambgamw’ imivyimba ugatābgamwo n’umunyota, n’indimiro zose ukarinda ushitsa ku mugezi Kidironi, ugashitsa no ku mfuruka y’irembo ry’amafarasi aherekeye i burasirazuba, hose hazoba ahēra h’ Uhoraho; ntihazokwongera guhomvorwa ngo hasangangurwe gushitsa ibihe bidashira.


rit’ Abīra umuzingo w’igitabo, wandikemw’ amajambo yose nakubariye abūrira Abisirayeli n’Abayuda n’amahanga yose, utanguye umusi nakubaririye, uhereye ku ngoma ya Yosiya, ugashitsa no kur’ uyu musi.


Rāba mbahozakw igitsure, ngo mbazanekw ivyago atar’ ivyiza; kand’ abagabo bose b’Abayuda bari mu gihugu ca Egiputa bazoririkwa n’inkota n’inzara, gushitsa baherengeteye.


Uku abe ari k’umubarira, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Rāba, ico yubatse azogisambura, kand’ ico yatēragiye azokirandura: azokora artyo mu gihugu cose.


rit’ Ikindi kandi, mwana w’umuntu, toborera inzira zibiri inkota y’umwami w’i Babuloni ngw ibone kuza; zompi zizova mu gihugu kimwe: uheze ushireh’ icapa, ugishire ah’ inzira ija ku murwa ishamikiye.


Uhoraho yongera kumbarira, ati Mwana w’umuntu, Ohola na Oholiba mbega ntiwobacira urubanza? Bamenyeshe rero ibizira vyabo.


riti Mwana w’umuntu, borogera ishengero ryo muri Egiputa, urikororane n’abakobga b’amahanga ya rurangiranwa, gushitsa i bgina i kuzimu, hamwe n’abamanuka baja muri rwa rwobo.


Maz’ amahanga azoba akibakikije azomenya yukw ari jewe Uhoraho nubatse ahāri hārasenyutse, ngateragira imbuto ahāri hārasivye: ni jewe Uhoraho mbivuze, kandi nzobishitsa.


Ivyo neretswe vyari bimeze nk’ivyo neretswe igihe nazanwa no guhonnya igisagara; ivyo neretswe vyari bimeze nk’ivyo nerekewe ku ruzi Kebari; maze nikubita hasi nubamye.


Ni co gituma nzobatemagurisha abavugishwa nanje; nzobicisha amajambo yo mu kanwa kanje; kand’ imanza mbaciriye zizokwira hose nk’umuco.


Ereg’ Umwami Uhoraho ntazogira ico akora, atabanje kwibira akabanga abasavyi biwe avugisha.


Kur’ uwo musi nzovyura urusago rwa Dawidi rwatemvye, nzibire ibihengeri vyarwo; nongere nsanasane ahāshize harwo, ndarwubake rumere nk’uko rwahoze kera;


Arikw amajambo yanje n’ivyagezwe vyanje nageze abasavyi banje navugisha, mbega ntivyashitse kuri ba sogokuruza? Maze bīsubiramwo, baravuga, bati Nk’uk’ Uhoraho Nyen’ ingabo yagabiye kw azotugirira, ngw atwishure ibihwanye n’ingeso zacu n’ivyo twakoze, ni ko yadukoreye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ