Yakobo 5:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)5 Mwidibamiye mw isi, mwihaye ibibahimbara: mwifunereje mu mitima ku musi wo gukekagurwa. အခန်းကိုကြည့်ပါ။Bibiliya mu Kirundi coroshe5 Mwabaye mw’isi muri mu bihimbaro bikomeye, muhaza icipfuzo cose. Mwarigaburiye muravyibuha kurya kw’ibitungwa bategurira kubagwa. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Nuko rero, mwana w’umuntu, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Barira ibisīga vy’amoko yose, n’ibikōko vyose vyo mw ishamba, uti Ni mukoranire hamwe, muze; mwikoranirize hamwe muvuye impande zose, muze ku kimazi canje mbacumitiye, ikimazi gihambaye ku misozi y’i Bgisirayeli, kugira ngo murye inyama, munywe amaraso.