Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yakobo 5:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Eh’ ingero z’abashwabuzi bābashwaburiye imirima, izo mwabagunze, zirataka: amaborogo y’abābashwaburiye yinjiye mu matwi y’Uhoraho Nyen’ ingabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Ehe impembo z’abakozi bo mu mirima yanyu mwanse guhemba ziriko ziratakamba zibarega. Ugutaka kw’abimbuzi b’imirima yanyu kwashitse mu matwi y’Umwami Imana Mushoboravyose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yakobo 5:4
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Na we aramubaza, at’ Ico wakoze ico n’igiki? Ijwi ry’amaraso ya murumunawe ririko rirantakambirira kw isi.


Bagatuma ugutaka kw’abagorwa kuyishikako, Ikumva ugutaka kw’impahazwa.


Nk’uk’ umugurano yifuza igitūtu, N’umucangero akarereka ingero yiwe,


Kuk’ ūhōra amaraso abibuka, Ntiyibagira ugutakamba kw’ abaciye bugufi.


kukw ari yo yipfuka yonyene, ari wo mwambaro wo ku mubiri wiwe; none yokwiyorosa iki? Ni yantakambira, nzomwumviriza, kuko nd’ umunyembabazi.


Nuko none ehe rāba, ugutaka kw’Abisirayeli kwanshitseko, kandi nabonye agahahazo Abanyegiputa babahahaza.


Iyaba Uhoraho Nyen’ ingabo atadushigarije amasigarira na makeya, tuba twarabaye nk’i Sodomu, tukamera nk’i Gomora.


Kuk’ uruzabibu rw’Uhoraho Nyen’ ingabo ari rwo nzu ya Isirayeli, kand’ abagabo b’i Buyuda ari bo muzabibu wamuhimbara; kandi yabazigamw’ imanza zibereye arikw abasangamw’ uguhahaza: yabazigamw’ ubugororotsi arikw abasangamw’ amaborogo.


Uhoraho Nyen’ ingabo yavugiye mu matwi yanje, ati N’ukuri ingo nyinshi zizoba imisaka, mbere na nini‐nini nziza zizosigara ata wukizibamwo.


Azobona ibara uwubakisha inzu yiwe mu biva mu kugabitanya, akayitegurisha ibigungano; agakoresha mugenzi we ku kagōbēro, ntamuhe ingero yiwe;


Ntihaze hagire ūhahaza mugenzi we, canke ngw amwambure; ntihaze hagire ūrārana ingero umucangero yakoreye.


Kukw ibuye ryo mu yubatse inzu rizosemerera, kand’ umutambikwa wo mu vyayimanitse uzoryishura.


Kandi nzobēgēra nce amateka; nzokwihutira kwagiriza abarozi, n’abasambanyi, n’abarahira ibinyoma, n’ abagunga umucangero ingero yiwe, n’abanyikiza umupfakazi n’impfuvyi, bakagirira nabi inyambukīra, nanje ntibanyubahe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Maz’ abgira abigishwa biwe, at’ Ivyimburwa ni vyinshi, arikw abimbuzi ni bo bake.


None mbeg’ Imana ntizocira abo yatoranije urubanza rubakiza, bayiborogera ku murango no mw ijoro, nah’ ibatevya?


Kandi nk’uko Yesaya yavuze kera, at’ Iyaba Uhoraho Nyen’ ingabo atādushigarije uruvyaro, Tuba twarabaye nk’i Sodomu, tukagirwa nk’i Gomora.


Muze mwirinde, mu mitima yanyu ntihaze haze iciyumviro kibi, ngo muvuge muti Wa mwaka ugira indwi wo guheberanira uri hafi; bigatuma mwirengagiza kubg’ uwo mukene w’i wanyu, mukanka kugira ico mumuha; na we akazohava atakambira Uhoraho abarega, mukagībgako n’icaha.


Ba shebuja, namwe ni mugirire abagurano banyu ibigororotse n’ibibereye, kuko muzi yuko namwe mufise Shobuja mw ijuru.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ