Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yakobo 5:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Abāvugishijwe mw izina ry’Umwami Imana bababere icitegererezo bene Data, co kubabazwa no kwihangana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Bene Data, mu vyo kwihanganira imibabaro, mufatire akarorero ku bavugishwa n’Imana bavuga mw’izina ry’Umwami Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yakobo 5:10
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko bagashinyagurira izo ntumwa z’Imana, bagakēngēra amajambo yayo, bagatwenga abo yavugisha, gushitsa ah’uburake bg’Uhoraho bgabaye ku bantu biwe, butagishobora kugarurwa.


Maze Hezekiya yishura Yesaya, at’ Ijambo ry’Uhoraho uvuze ni ryiza. Yongera kuvuga, ati Kazima hagiye kuba amahoro n’umutēkāno nkiriho.


Nakubise abo mu gihugu canyu, ariko nigoreye ubusa; banse guhaha; inkota zanyu ubganyu zāriritse ba kamenyi banyu nk’intambge itikiza.


Iyaba bārabaye mu nama yanje baba bātumye abantu banje bumva amajambo yanje, kandi baba bārabahindukije bakava mu nzira yabo mbi, no mu bikorwa vyabo bibi.


Maz’ abaganwa n’abantu bose babarira abaherezi n’abo ba kamenyi, bat’ Uyu muntu ntakwiye gupfa, kukw atubariye mw izina ry’Uhoraho Imana yacu.


Ewe Yerusalemu, ewe Yerusalemu, wica abavugishwa n’Imana, ugatera amabuye abagutumweko! Ni kangahe nagomvye gukoranya abana bawe, nk’ukw inkoko ikoranya imiswi yayo iyibundikira mu vyubi vyayo, ntimwakunda.


Uwo musi muze munezerwe mwitere hejuru, kukw impēra yanyu ari nyinshi mw ijuru: kukw ari ko ba sekuruza babo bāgize abāvugishwa n’Imana.


Arikw ijuru rikwiye kumwākīra, gushitsa ku bihe vyo gusubira guhindura ibintu vyose bisha, nk’ukw Imana yavuze mu kanwa k’abera bayo yavugisha bose, uhereye ubga mbere na mbere.


Ni nde mu bavugishijwe n’Imana ba sogokuruza banyu batāhamye? Bishe abābanje kumenyekanisha ivyo kuza kwa wa Mugororotsi, none namwe mwaramuguze muramwica:


Mwibuke abābaganza, bakababgira ijambo ry’Imana; mwitegereje iherezo ry’ingeso zabo, mwīgāne ukwizera kwabo.


Bene Data, ntimuvuganane nabi. Ūvuga nabi mwene Se, cank’ ūhinyurira mwene Se ku mutima, aba avuze nabi ivyagezwe, ni vyo aba ahinyuye. Arikw iy’ uhinyura ivyagezwe, ntuba uvyitondera, uba ubaye umucamanza wavyo.


Muri mwebge ni haba harih’ ūbabaye, n’asenge; namba harih’ ūroraniwe, n’aririmbe ishimwe;


Nuko bene Data, mwihangane mushitse ah’ Umwami Yesu azozira. Eh’ umurimyi arorēra imirima myiza, ayirīndīra yihanganye, gushitsa ah’ izoronkera imvura y’agatāsi n’iy’ urushana.


Ntimwidodomberanire, bene Data, kugira ngo ntimucirwekw iteka: eh’ Umucamanza ahagaze ku rugi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ