Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yakobo 4:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Yemwe basambanyi, ntimuzi yuko gucudika n’isi ar’ ukwankana n’Imana? Nuk’ umuntu wese agomba kuba incuti y’isi aba yīgize umwansi w’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Yemwe basambanyi! Ntimuzi ko gukunda ivy’isi ari ukuba umwansi w’Imana? Uwuhisemwo gucudika n’isi aba abaye umwansi w’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yakobo 4:4
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nzoshira inyankane hagati yawe n’uyu mugore, no hagati y’uruvyaro rwawe n’urwiwe: ruzogukomeretsa umutwe, nawe uzorukomeretsa igitsintsiri.


Ukuboko kwawe kuzoserangura ababisha bawe bose; Ukuboko kwawe kw’i buryo kuzoserangura abakwanka.


Iy’ ubonye umusuma, wemeranya na we, Kandi wifatanya n’abasambanyi.


Kukw abakuja kure bazoranduka; Wahoneje abakuretse bose bagacika ibimaka.


Ni mwīgire hino, mwa bana b’umurozikazi, mwa ruvyaro rw’ umusambanyi n’umusambanyikazi.


riti Genda usemererere mu matwi y’ab’ i Yerusalemu, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ati Nibuka urukundo rwo mu buto bgawe, n’ukuntu wannogera ukir’ umugeni; ukuntu wankurikiye mu bugaragwa, no mu gihugu kitigeze kubibgamw’ imbuto.


Icompa nkaja mu bugaragwa mu ndāro y’abahita, kugira ngo nte ubgoko bgacu, ndabuvemwo! Kuko bose ar’ abasambanyi, bakaba umuhari w’abagabo baryarukana.


Ewe wa mugore usambana kand’ ufise uwawe! Ukemerera impirahisi mu gishingo c’umugabo wawe!


Maz’ Uhoraho arambarira, ati Subira ugende, ukunde wa mugore akundwa n’umwūzure wiwe, kandi w’umusambanyikazi, nk’uk’ Uhoraho nkunda Abisirayeli, naho bo bāhindukiriye izindi mana, bagakunda uturobe tubumbabumbge mu nzabibu zumye.


Arabishura, at’ Ab’ urunganwe rubi rw’ubumaka barondera ikimenyetso; kandi nta kimenyetso bazohabga, atar’ ikimenyetso c’uwavugishwa n’Imana Yona.


Ab’ igihe kibi c’ubumaka barondera ikimenyetso, kandi nta kimenyetso bazohabga, atar’ ikimenyetso ca Yona. Abasigaho, arīgīra.


Nta wusaba abami babiri: kuko yokwanka umwe, agakunda uwundi, canke yoguma kur’ umwe, akagaya wa wundi. Ntimushobora gusaba Imana n’Itunga.


Arikw abo bansi banje batākunze ko mbaganza ni mubazane hano, mubīcire imbere yanje.


Iyo muba ab’ isi, isi iba ikunze icayo, maze kuko mutar’ ab’ isi, ariko nabatoranije mu b’isi, ni co gituma isi ibanka.


Nabahaye ijambo ryawe; kand’ ab’ isi barabanka, kukw atar’ ab’ isi, nk’uko nanje ntar’ uw’ isi.


Ab’ isi ntibabanka, ariko jewe baranyanka, kuko mbavugira ibikorwa vyabo kw ari bibi.


Ko twujujwe n’Imana n’urupfu rw’Umwana wayo, tukir’ abansi bayo, none tumaze kwuzura na yo, ubugingo bgiwe buzorushiriza kudukiza.


Kuko kwitwaririka ivy’ umubiri gutera kwanka Imana, kuko kutumvira ivyagezwe n’Imana, kandi kudashobora kuvyumvira.


Umunyabgenge ari hehe? Umwanditsi ari hehe? Umunyabihāri wo mur’ iki gihe ari hehe? Mbeg’ Imana ntiyahinduye ubupfu ubgenge bg’iyi si?


Kuko nah’ ubgenge bg’Imana bgageze yukw ab’ isi batazohabga n’ubgenge bg’isi kumenya Imana, Imana yahimbawe gukirisha abayizera ubupfu bg’ivyigishwa.


Mbeg’ ubu n’ishimwe ry’abantu ngomba, canke n’iry’ Imana? Canke se ndondera kunezereza abantu? Iyo mba nkinezereza abantu, simba nd’umugurano wa Kristo.


Idini itunganye itagira agasembga imbere y’Imana Data wa twese, n’ukurāba impfuvyi n’abapfakazi mu marushwa yabo, no kwirinda ngo ntiwanduzwe n’ivy’ isi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ