Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yakobo 3:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Ururimi n’umuriro, n’ikibi kingana n’isi: ururimi rwashizwe mu ngingo zacu, ruhumanya umubiri wose, rudomeka ukubaho kwacu kwose, na rwo ruba rwadometswe na Gehinomu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 N’ururimi na rwo ni umuriro, ni isi y’ikibi iri mu ngingo z’imibiri yacu. Rwanduza umubiri w’umuntu wose, rukadomeka ukubaho kwiwe kwose, kandi na rwo rudomekwa na Gehinomu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yakobo 3:6
62 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Abusalomu abarira Ahitofeli, ati Tugīre inama: tubigenze dute?


Abisirayeli bishura Abayuda, bat’ Umwami tumufiseko hanini ibihetangabo cumi; kubg’ ivyo Dawidi n’uwacu kuruta mwebge. None n’iki catumye mudukēngēra, kand’ ari twebge twabatanze kugira inama yo kugarukana umwami wacu? Arikw Abayuda mu magambo yabo bāri bakarātiye kuruta Abisirayeli.


Abiya n’ingabo ziwe babatikiza agatikizo gakomeye; mu ngabo z’ Abisirayeli z’intorwa hapfamw’ ibihumbi amajana atanu.


Basongoye indimi zabo nk’ inzoka; Ubumara bg’imvuvyi buri mu binyigishi vyabo. Sela.


Bakubiriye indimi zabo nk’ inkota, Bagenekereje imyampi yabo, ni yo magambo arura:


Ukwishura kwiyoroheje guhwama uburake, Arikw ijambo ribabaza rivyura ishavu.


Umuntu w’umugarariji yimba ivyago, Kandi mu minwa yiwe harimw’ umuriro w’inkazi.


N’icabona c’ibinyoma kivuga ivy’ ubuhūmvyi, N’ūvyura imitongano mu bavukana.


Kugira ngo bikurinde umugore w’icigenze, Mbere bikurinde umugore w’icigenze ahemanisha amagambo yiwe.


Eh’ izina ry’Uhoraho riraza rivuye kure, rirurumbamw’ uburake bgiwe, ripfundukamw’ umwotsi w’intunda: iminwa yiwe yuzuye ubushangashirwe, kand’ ururimi rwiwe rumeze nk’umuriro utongora:


Umve mwese abacana umuriro, bakīshira imuri impande zose: ni mugende mumurikiwe n’umuriro wanyu, bo n’imuri mwidomekeye. Ivyo muzoronka mu kuboko kwanje n’ibi: muzoryamana umubabaro.


Kuko numvise benshi bandementaniriza, ubgoba bukantera irya n’ino. Abakunzi banje pfampfe bose, ni bo barereka ko notsitara, bavuga, bati Mumurege, natwe tumurege, kumbure yogwa mu mutego, natwe tukamunesha, tukamwīhōra.


Nuko rero, uku ni k’Uhoraho agize, ati Rāba ndagukūye kw isi: uyu mwaka urawupfamwo, kuko wavuze ivyo kungarariza jewe Uhoraho.


Uwo muhungu w’Umwisirayelikazi arogota kuri rya Zina, ararituka: bamuzanira Mose. Nyina yitwa Shelomiti, mwene Diburi, wo mu muryango wa Dani.


kuko bābatumira ngo baze gusangira na bo ibimazi vy’ibigirwamana vyabo: nukw abo bantu bakabiryako, bakūnamira ivyo bigirwamana vyabo.


Ereg’ abo ni bo bacumuje mwebge Abisirayeli k’Uhoraho ngo mumuhemukire mu vyabaye i Peyori, babitewe n’inama za Balamu, bituma ikīza gitera ishengero ry’Uhoraho.


Arikw Abafarisayo bavyumvise baravuga, bat’ Uyu ntashobozwa n’ikindi gusenda abadayimoni, atari Beyezebuli, umukuru w’abadayimoni.


Ariko jeho ndababgira yuk’ umuntu wese azorakira mugenzi we azoba ashikiwe no gutsindwa n’urubanza; ūzotuka mugenzi we, ngo Wa kijuju we! azoba ashikiwe no gucirwakw iteka; ūzomutuka, ati Wa gipfu we! azoba ashikiwe no gutabga mu muriro wa Gehinomu.


nta kintu kir’ inyuma, iyo kigiye imbere mu muntu gishobora kumuhumanya, arikw ibivuye mu muntu ni vyo bimuhumanya. [


Aratabaza, ati Aburahamu muvyeyi, ngirira ikigongwe, rungika Lazaro, akoze isonga y’urutoke mu mazi, ampfuvye ururimi, kuko nsesererejwe mur’ uru rubeya.


Kandi no muri mwebge ubganyu hazokwadukamw’ abantu bavuga ibigoramye kugira ngo bakwegere abigishwa inyuma yabo.


Petero aramubaza, ati Ananiya, n’iki gitumye Satani yuzuza umutima wawe guhenda Mpwemu Yera, ukīsigariza ku biguzi vy’ishamvu?


Bahagarika ivyabona vy’ibinyoma, baravuga, bat’ Uyu muntu nta ho ahumeka gutuka aha hantu hēra n’ivyagezwe:


Mu bo muvukana canke muri bene nyoko, canke mu bahungu banyu canke mu bakobga banyu, canke mu bagore banyu mupfumbatirana, canke mu bakunzi banyu b’amagara, muri ben’ abo ni hagira uwo yosha muri mwebge mu mpisho, ati Tugende dusabe izindi mana; (kand’ ar’ izo mutigeze kumenya, mwe na ba sogokuruza;


bakwiye kuzibga iminwa, kuko har’ imiryango bagwisha igahenebera, bigisha ibidakwiye kubg’ inyungu mbi.


Si bo barogota kw izina ryiza mwitirirwa?


Kukw amoko yose y’ibikōko n’ibiguruka n’ivyikwega n’ivyo mu kiyaga bigundwa n’abantu, kandi bārabigunze;


irya mbere mukwiye kumenya n’uko mu misi y’iherezo hazoza abacokoranyi bacokorana, bakurikira ukwifuza kwabo,


Ni co gituma, ni naza, nzobibutsa ivy’ akora, atuvuga amagambo mabi y’ubupfu, kandi ntagarukiza kur’ ivyo gusa, arik’ ubgiwe ntiyākīra bene Data, n’ababigomba arababuza, akabaca mw ishengero.


Ca gisato c’amahēro kirakororwa, ni co ya nzoka ya mbere, yitwa Murwanizi, irindi ni Satani, ni co kizimiza abari kw isi bose, gikororerwa kw isi, abamarayika baco bakororanwa na co.


Kizimirisha ababa kw isi ibimenyetso cahawe gukorera mu maso ya ca gikōko, kibarira ababa kw isi gukora igishushanyo ca ca gikōko cari n’uruguma rw’inkota, kigahava kikabaho.


Kand’ ukumurika kw’itara ntikugisubira kubonesha muri wewe ukundi, kand’ ijwi ry’umukwe n’iry’ umugeni ntirigisubira kwumvikana muri wewe ukundi. Abadandaza bawe bār’ abahambaye bo kw isi, kukw amahanga yose yahendahenzwe n’uburozi bgawe.


Ico gikōko gifatwa mpiri, bo na wa muvugishwa w’ibinyoma, yakorera vya bimenyetso mu maso yaco, akabizimirisha abemeye gushirwakw ikimenyetso ca ca gikōko n’abasenga igishushanyo caco. Vyompi bitererwa bibona mu kiyaga caka umuriro n’amazuku.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ