Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yakobo 3:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 N’ururimi ni ko ruri: n’urugingo rutoya, rukirarira ibikomeye. Rāba ishamba, naho ryoba rinini rite, ridomekwa n’akariro gake.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Ni ko biri no ku rurimi. Ni urugingo rutoya mu zigize umubiri, ariko rwihayagiza muri vyinshi. Raba ingene ishamba rinini rishobora kudomekwa n’akamuri gato.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yakobo 3:5
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bakabgira Imana, bati Tuve i ruhande; Bat’ Īshobora vyose yotumarira iki?


Kuk’ umunyakibi yishimagiriza ivyo umutima wiwe wifuza, Kand’ umunyegono yikunkumura Uhoraho, kand’ akamukēngēra.


Bugaye imitima yabo kugira ngw ikigongwe nticinjire, Akanwa kabo bakavugisha ubgibone.


Naravuze, nti Nzokwirindira mu nzira zanje, Noye gucumuza ururimi rwanje. Nzoshira ikirumyo ku munwa wanje Umunyakibi akir’ imbere yanje.


Umubisha yaravuze, Ati Ndabakurikira, ndabashikīre, ngabanganye iminyago, Ndabīmarekw ishavu; Nsokōre inkota, mbaranduze ukuboko kwanje!


Farawo arababaza, at’ Uhoraho ni nde, ngo ndamwumvire, ndekure Abisirayeli? Uhoraho sindamuzi, kandi sindekura Abisirayeli.


Har’ ūvuga ibisunitswe n’ impwemu bimeze nk’ugucumita kw’inkota, Arik’ ururimi rw’abanyabgenge ruravūra.


Ururimi rw’abanyabgenge rutonyanga ubgenge bubereye, Arikw akanwa k’ibipfu gasuka ubupfu.


Urupfu n’ubugingo biri mu bubasha bg’ururimi, Kand’ abarukunda bazorya ivyo rwamye.


Iy’ inkwi zibuze umuriro urazima, Kand’ ahatagira ūneguranira mu vyongorerano imitongano irashira.


Maze baravuga, bat’ Enda ni muze, duhigire imihigo Yeremiya; kukw ahar’ umuherezi hatobura n’ivyagezwe, kand’ ahar’ umunyabgenge ntihobura n’inama, kand’ ahar’ ūvugishwa n’ Imana ntihobura ijambo ryayo. Enda ni muze, tumukubitishe intega y’ururimi, ntidushire umutima ku magambo yiwe, mwo na rimwe.


riti Mwana w’umuntu, barira segaba w’i Tiro, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Umutima wawe ko wishize hejuru, kand’ ukavuga, ng’ ur’ Imana, ng’ uvyagiye ku ntebe y’Imana hagati mu kiyaga; yamar’ ur’ umuntu buntu, ntur’ Imana, naho mu mutima wawe wigereranya na yo;


uvuge, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Ehe nzohigūra nawe, ewe Farawo mwami wa Egiputa, wa ngona ihambaye, yigaramangira hagati y’inzūzi zayo, wagize ng’ Uruzi rwawe n’urwawe bgite, kandi ngo Ni wewe warwiremeye ubgawe.


Nuko noneho ni mwumva amajwi y’inzamba n’imyironge n’inanga n’amakembe n’imiduri na sumponya n’ibindi vy’ubgoko bgose bivuga, mukemera kwikubita hasi mugasenga igishushanyo nakoze, bizoba ari vyiza; ariko ni mutagisenga, muca mutererwa mw itanure ry’umuriro uhinda; mbeg’ imana yobakiza mu maboko yanje yoba iyihe?


Umwami aravuga, ati Mbeg’ aha si Babuloni hahambaye aho niyubakiye ngo habe umurwa wanje niberako, mpubakishije inkomezi z’ububasha bganje, ngo hatere igitinyiro canje icubahiro?


Kandi rāba, n’amāto naho yoba maninimanini ate, agakubebga n’umuyaga uhuhuta cane, ingafe nah’ ari nto‐nto cane ni zo ziyerekeza, ah’ abayatumbereza bagomba.


Bavuga ibitumbaganyemw’ ibitagira ico bimaze, basukasuka abariko baridohora mu bagenda bazimiye, babasukasukisha ukwifuza kw’umubiri n’isoni nke.


Abo n’abidodomba n’abanyamwikomo bagenda bakurikira ukwifuza kwabo, akanwa kabo kavuga amagambo atumbaganyemw’ ukwirarira, bubahira abantu kubakūramw’ amaronko.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ