Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yakobo 3:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Kuko twese dutsitara muri vyinshi. Umuntu wese adatsitara mu vy’avuga, aba ar’ umuntu atunganye rwose, ashobora no kuganza umubiri wiwe wose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Nk’uko bisanzwe, twese dukora ibibi mu buryo bwinshi. Nihaba hariho umuntu adacumura mu kuvuga kwiwe, uwo ni umuntu atunganye, ashobora no kuzigama umubiri wiwe wose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yakobo 3:2
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi ni baramuka bagucumuyeko, kukw ata muntu adacumura, ukabarakira, ukabagabura mu maboko y’abansi babo, bakabafata mpiri bakabajana mu gihugu cabo, naho hoba hafi canke kure;


Kandi ni baramuka bagucumuyeko, kukw ata muntu adacumura, ukabarakira, ukabagabura mu maboko y’abansi babo, bakabafata bakabajana mu kindi gihugu, naho hoba hafi canke kure;


Ugatera umutima wawe kurwanya Imana, Ugatuma akanwa kawe karokomboka amagambo ameze artyo?


Uz’ ubuze ururimi rwawe, rwoye kuvuga ikibi, N’iminwa yawe yoye kuvuga ivy’ uguhendana.


Naravuze, nti Nzokwirindira mu nzira zanje, Noye gucumuza ururimi rwanje. Nzoshira ikirumyo ku munwa wanje Umunyakibi akir’ imbere yanje.


Mw isinzi ry’amajambo ntihaburamw’ ugucumura, Arik’ uwigarura mu vy’iminwa ivuga n’umunyabgenge.


Ūrinda akanwa kiwe azigama ubugingo bgiwe, Arikw ikirofoke kizoranduka.


Ni nde yoshobora kuvuga, ati Niyogeje umutima, Nihumanuye icaha canje?


Ūrinda akanwa kiwe n’ururimi rwiwe, Umutima wiwe aba awurinze amagorwa.


N’ukuri nta mugororotsi ariho kw isi akora ivyiza ntacumure.


Kuko twese twahindutse nk’ibihumane, kand’ ukugororoka kwacu kwose kumeze nk’impuzu yanduye; twese dukabiranye nk’ikibabi, kand’ ibigabitanyo vyacu bidukubeba nk’ umuyaga.


umuherezi az’ abisuzume: maze ni yasanga ivyo bibibi vyo ku mubiri wiwe vyeragurika gusa, bizoba ar’ amabara yadutse inyuma ku rukoba: uyo muntu azoba adahumanye.


Mwa bana b’inzoka mwe, mwoshobora mute kuvuga ivyiza muri babi? Ibibōgabōga mu mutima ni vyo akanwa kavuga.


Amajambo yawe ni yo azotuma utsinda cank’ amajambo yawe ni yo azotuma utsindwa.


nk’uko handitswe, ngo Nta wugororoka, nta n’umwe,


Ni ko mbona ikingera, yuko naho ngomba gukora iciza, ikibi kibana nanje.


kandi ndwanya umubiri wanje, nkawuhindura umuja, kugira ngo kumbure mmaze kwigisha abandi, nanje ubganje sinze mboneke ko ntemewe.


Arikw ivyanditswe bivuga yuko vyose vyugaranywe ngo biganzwe n’icaha, kugira ngw abizera bahabge ivyasezeranywe biheshwa no kwizera Yesu Kristo.


Kukw akameremere kifuza ivyo Mpwemu yanka, kandi Mpwemu yifuza ivy’ akameremere kanka: kukw ivyo bihiganwa, ngo ntimukore ivyo mugomba.


Natwe ni we twamamaza, duhanūra umuntu wese, twigishisha umuntu wese ubgenge bgose, ngo dushikirize Imana umuntu wese ahīngūriwe muri Kristo:


Epafura w’i wanyu, umugurano wa Kristo Yesu, arabatasha, yama abarwanira mu gusenga kwiwe kugira ngo mushikame, mutunganye rwose, mumenya neza mudakekeranya ivy’ Imana igomba vyose.


ibe ari yo ibatunganya rwose mu ciza cose, kugira ngo mukore ivy’ igomba, ikorera muri twebge ibishimwa mu nyonga zayo, kubga Yesu Kristo: icubahiro kibe icayo ibihe bitazoshira. Amen.


Umuntu ni yigira ngo n’umunyedini, ntafate ururimi, arikw agahenda umutima wiwe, idini y’uyo izoba ar’ iy’ ubusa.


Arik’ ukwihangana gukwiye guhīngūra igikorwa cakwo, ngo mubone gutungana rwose muhīngūwe, mudahajije na kamwe.


Kuk’ umuntu wese azokwitondera ivyagezwe vyose, agatsitara kuri kimwe, azoba acumuye kuri vyose.


Kuko handitswe, ng’ Ūgomba gukunda ubugingo, No kubona imisi myiza, N’abuze ururimi rwiwe, rwoye kuvuga ikibi, N’iminwa yiwe yoye kuvuga ivy’ uguhendana:


Kand’ Imana igira ubuntu bgose, yabahamagariye ubgiza bgayo budashira muri muri Kristo, ni mwaheza kubabazwa akanya gato, izobahīngūra rwose ubgayo, izobaremesha, ibahe inkomezi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ