Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yakobo 3:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 mu kanwa kamwe havamw’ umuhezagiro n’umuvumo. Bene Data, ivyo ntibikwiye kumera birtyo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Mu kanwa kamwe hakavamwo uguhimbaza n’ukuvumana. Bene Data, uko si ko vyari bikwiye kumera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yakobo 3:10
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Abimeleki ahamagaza Aburahamu, aramubaza, ati Watugize ibiki? Nagukoreye icaha ki, catumye undemeka icaha kingana girtyo, twe n’igihugu canje? Wankoreye ibidakwiye gukorwa.


Na we aramwishura, at’ Oyaye, mwana wa data, reka kunyambika ibara, kuko ben’ ivyo bidakwiye gukorwa mu Bisirayeli; reka gukora ikizira nk’ico.


Abakuru baho baca imanza kubg’ ingurire, n’abaherezi baho bigishiriza ingero, n’abavugishwa baho baragurira kubona ingemu: yamara bisunga Uhoraho, bakavuga, bati Mbeg’ Uhoraho ntari muri twebge? bat’ Erega nta cago kizodushikako.


Ababahama mubahezagire; mubahezagire, ntimubavume;


kuko mukiganzwa n’ivy’ akameremere kanyu. Ko muri mwebge har’ ishari n’ugutongana, ntimuganzwa na vyo? Ntimugenda nk’abantu?


Kand’ ikindi, biga kugira ubunebge, bagenda imihana; ariko rero s’ubunebge gusa, ikigeretseko bararegeteranya bīta mu bitar’ ivyabo, bavuga ivyo badakwiye.


Ivyo murabizi, bene Data nkunda. Yamar’ umuntu wese ni yihutire kwumva, atebe kuvuga, atebe kuraka:


Bene Data, muri mwebge ntihakabe benshi barondera kuba abigisha: murazi ko tuzocirwa urubanza ruruta iz’ abandi.


Mbeg’ iriba ryodudubiza amazi aryoshe n’ay’ umururazi mu mbizi imwe?


Urwo ni rwo dushimisha Umwami Data wa twese, kandi ni rwo tuvumisha abantu, bāremwe mw ishusho y’Imana:


ntimugere ikibi ku kindi, cank’ igitutsi ku kindi; ariko mubigerāne n’umuhezagiro, kukw ico ari co mwahamagariwe, kugira ngo namwe muragwe umugisha.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ