Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yakobo 2:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Arikw iyo murobanuye abantu ku cubahiro, muba mukoze icaha, mutsinzwe n’ivyagezwe ko mubaye abanyabicumuro.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Ariko, nimwaba mukirobanura abantu ku butoni, muzoba mucumuye kandi mutsinzwe n’urubanza rw’uko murenga ku vyagezwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yakobo 2:9
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ntimuze mucishe urubanza aho rutari; ntimuze muce urwa nkunzi mubitewe no kugirira impuhwe umworo, canke no gutinya ūhambaye; ariko muze mucire bagenzi banyu imanza ziroranye.


Uwo ni yaza, azohinyuza ab’ isi, abemeze ivy’ icaha, n’ivy’ ukugororoka, n’ivy’ amateka;


Ni nde muri mwebge yonyagiriza icaha nakoze? Ko mvuga ukuri, n’iki gituma mutanyemera?


Na bo bavyumvise basohoka isorōsoro, uhereye k’ūkuze ugashitsa ku muto, Yesu asigara wenyene, bo na wa mugore yar’ ahagaze hagati.


Petero yanzika kuvuga, ati N’ukuri ni ho nkimenya yukw Imana itarobanura abantu ku butoni,


kukw imbere yayo ata muntu azotsindanishirizwa n’ibikorwa bibgirijwe n’ivyagezwe, kukw ivyagezwe ari vyo bimenyekanisha icaha.


Ariko bose iyo bavugishwa n’Imana, hakinjiramw’ ūtizera cank’ umutungu, yomenyeshwa ivyaha vyiwe na bose, agahinyuzwa na bose,


Ivyagezwe vyanteye gupfa ku vyagezwe, ngo mbeho ku Mana.


Nti Ntimuze muce urwa nkunzi, nt’ Ariko muze mwumvirize aboroshe n’abahambaye, mubanganye: nti Ntimuze mutinye umuntu ku kigohe, kukw imanza ar’ iz’ Imana. Nti Kand’ urubanza ruzobananira, muze murunzanire, ndarwumvirize, ndaruce.


Umuntu wese akora icaha akora ivy’ ubugarariji; kand’ icaha ni co mugararizo.


kugira ngw acire bose amateka, no kwemeza abatubaha Imana bose ko batsinzwe ku bikorwa vyose vyo kutubaha Imana bakoze batayubaha, n’amagambo yose akomeye abanyavyaha batubaha Imana bavuze bayirwanya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ