Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yakobo 2:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Ni mwumve, bene Data nkunda. Mbeg’ Imana ntiyatoranirije aboro b’ivy’ isi kuba abatunzi mu kwizera, no kuragwa ubgami yasezeraniye abayikunda?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Umviriza bene Data nkunda. Mbega Imana ntiyatoranije abitwa abakene muvy’iyi si ngo babe abatunzi mu vyo kwizera no kuzoragwa Ubwami yasezeraniye abayikunda?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yakobo 2:5
54 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mikaya aravuga, ati Ni waramuka utabarutse amahoro, Uhoraho azoba atamvugishije. Arongera ati Mwa bantu mwese, muraba muvyumvise!


Nuko rero ni munyumvirize, mwebge bantu bazi gutahura: Biragahera kw Imana yokora ivyaha, Īshobora vyose ko yokora ivy’ ukugabitanya.


None ntibirushirije kuba ibitabereye kubibarira Īdatinya abaganwa ku kigohe, Ntikunde umutunzi kumurutisha umworo, Kuko bose ar’ igikorwa c’ intoke zayo?


Isi ica irahinduka, nk’ukw ikibumbano giciye amagarwe kimera; Vyose bikaja ahabona nk’ ivyambaye.


nkagirira ikigongwe abankunda, bakitondera ivyagezwe vyanje, nkageza ku runganwe rwabo uko ruzogenda rukurikirana gushitsa igihumbi.


Har’ uwifata rutunzi ata co afise, Har’ uwifata rworo kand’ afise ibitayega.


None rero, bana banje, munyumve, Mutege amatwi amajambo y’ akanwa kanje.


None rero, bana banje, ni munyumve: Kukw abitondera inzira zanje ar’ abahirwe.


Non’ intumwa z’iryo hanga bazozīshura iki? Bazozīshura, bat’ Uhoraho ni we yashinze Siyoni, kand’ impahazwa zo mu bantu biwe ni ho zizohungira.


Kand’ abaciye bugufi na bo bazogwiza umunezero banezererwa Uhoraho, n’abakene bo mu bantu bazohimbarwa n’Uwera w’Abisirayeli.


Ariko nzogusigamw’ abaciye bugufi na ba nyarucari, abo ni bo bazokwizigira izina ryanje jewe Uhoraho.


Uwo musi iravunika; maz’ intama z’imyaku zanyumvira zica zimenya yukw iryo jambo ar’ iry’ Uhoraho.


Nuko nca ndagira umukuku w’imbāgwa, mbere zar’ intama z’imyaku. Maze nābīra inkoni zibiri, imwe ndayita Buntu, iyindi ndayita Yungiro; nuko ndagira umukuku.


Impumyi zirahumūka, abacumbagira bagenda neza, abanyamibembe barakizwa, ibipfamatwi birumva, abapfuye barazurwa, aboro barabgirwa ubutumwa bgiza.


Maz’ Umwami azobgira abar’ i buryo bgiwe, ati Ni muze, abo Data yahezagiye, muragwe ubgami mwateguriwe, uhereye ku kuremwa kw’isi.


ati Hahirwa aboro mu mitima yabo, kuk’ ubgami bgo mw ijuru ar’ ubgabo.


Kandi yongera guhamagara ishengero, araribarira, ati Munyumve mwese, mubitahure:


Umuntu yishingurira ni kw amera, atar’ umutunzi mu vy’Imana.


Yemwe mwa busho buto, ntimutinye: kuko So bimuhimbara kubaha ubgami.


Hanyuma rero wa mworo arapfa, abamarayika bamujana mu gikiriza ca Aburahamu: na nya mutunzi arapfa, arahambga.


Aburahamu aramubgira, ati Mwana wanje, ibuka yuko wahawe ivyiza vyawe ukiriho, Lazaro na we yahawe ibibi: non’ amariwe imibabaro hano, nawe uraseserezwa.


Nanje mbabīkiye ubgami, nk’uko Data yabumbīkiye,


Yunamurira abigishwa biwe amaso, arababgira, ati Hahirwa mwebge aboro; kuk’ ubgami bg’Imana ar’ ubganyu.


Har’ umukuru n’umwe yamwizeye, cank’ Umufarisayo?


Na we aramwishura, ati Yemwe bene Data kandi ba data, ni mwumve: Imana y’icubahiro yiyeretse sogokuruza Aburahamu, ar’ i Mesopotamiya, ataraja kugerēra i Harani,


Ariko ko tur’ abana bayo, tur’ abaragwa; tur’ abaragwa b’Imana, tur’ abaraganwa na Kristo, namba tubabazanywa na we, ngo tubone guhānwa ubgiza na we.


Ariko nk’uko handitswe, ngw Ivy’ ijisho ritigeze kubona, n’ivy’ ugutwi kutigeze kwumva, Ibitigeze kwinjira mu mutima w’umuntu, Vyose Imana yavyiteguriye abayikunda.


Kukw ivyo vyose biba kubganyu, kugira ng’ubuntu bg’Imana bgongeranishwe n’ukugwira kw’ abantu, bugwize ishimwe, ngo ritere Imana icubahiro.


tuboneka nk’abababara, ariko tunezerwa imisi yose; tuboneka nk’aboro, ariko dutungisha benshi; tuboneka nk’abatagira ico batunze, yamara dutunze vyose.


Kuko muzi ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo, yuko naho yar’ umutunzi, yahindutse umworo kubganyu, kugira ng’ubgoro bgiwe bubatungishe.


ngw amaso y’imitima yanyu yihweze, kugira ngo mumenye ivyo mwizigizwa n’uguhamagara kwayo ivy’ ari vyo, mumenye n’itunga ry’ubgiza bg’ishamvu ifise mu bera,


Jewe, uwuri mu nyuma y’uwo mu nyuma y’abera bose, naherewe ubgo buntu kubgira abanyamahanga ubutumwa bgiza bg’itunga rya Kristo ritagira aho riherera,


kugira ngo mugende nk’uko bibereye ab’ Imana, ibahamagarira kuja mu bgami bgayo no mu bgiza bgayo.


Ico n’ikimenyetso co guca amateka kw’ Imana kugororotse, ngo muze mwemererwe gushika mu bgami bg’Imana, ubgo namwe mubabarizwa.


kandi bakore iciza, babe abatunzi ku bikorwa vyiza, babe abanyabuntu bakunda gutanga,


Umwami wacu azonkiza ibibi vyose bangirira, azondokora kugira ngw anjane mu bgami bgiwe bgo mw ijuru. Icubahiro kibe iciwe, ibihe bitazoshira. Amen.


Ibisigaye, mbīkiwe igitsibo c’ukugororoka, ico Umwami wacu, umucamanza agororotse, azompa kuri wa musi, kandi si jewe jenyene nzogihabga, ariko kandi n’abakunze kuzoseruka kwiwe bose bazogihabga.


kuko yiyumviriye yuko gucokoranwa na Kristo ar’ ubutunzi burengeye itunga ryo muri Egiputa, kuko yatumbera ingero azogererwa.


Hahirwa umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko ni yamara kurama azohabga igitsibo c’ubugingo, ico Imana yasezeraniye abayikunda.


Ivyo murabizi, bene Data nkunda. Yamar’ umuntu wese ni yihutire kwumva, atebe kuvuga, atebe kuraka:


Ariko, mwene Data w’umufafara ni yirate kw ashizwe hejuru,


ngo tuze twegukire umwandu utazobora, utanduye, udakabirana, mwabīkiwe mw ijuru,


Kuko ni vyaba birtyo, muzohabga rwose kwinjira mu bgami budashira bga Yesu Kristo, ni we Mwami n’Umukiza wacu.


ngo Ndazi amarushwa yawe n’ubgoro bgawe (yamar’ ur’ umutunzi), n’ibitutsi vy’abiyita Abayuda, atari bo, arikw ar’ isinagogi ya Satani.


Ūnesha azoragwa ivyo, nanje nzoba Imana yiwe, na we azoba umwana wanje.


ndakugīra inama, ungurekw izahabu yakūwekw inkamba n’umuriro, ubone kuba umutunzi; ungureko n’impuzu zera, ubone kwambara, isoni z’ubgambure bgawe ntizigaragare; kand’ ungureko n’umuti wo gusīga ku maso, ubone guhumūka.


Maze Yotamu avyumvise, aragenda ahagarara ku mpinga y’ umusozi Gerizimu, asemerera n’ ijwi rirenga, aravuga, ati Yemwe bantu b’i Shekemu, ni munyumvirize, kugira ngw Imana namwe ibumvirize.


Ni co gitumye Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, avuga, ngo N’ukuri yari yaravuze yukw ab’ inzu yawe n’ab’ inzu ya sogokuruza bazokwama bamugendako bar’ imbere yiwe ibihe vyose; ariko noneh’ Uhoraho agize ngo Biragahera; ngo Kukw abamwubaha ari bo azokwubaha, arikw abamukēngēra bazokēngērwa.


Ni we akūra umugorwa mu mukungugu, Agashira hejuru umukene, amukūye mu mwavu, Kugira ngw abicarikane n’ abahambaye, Baragwe intebe z’icubahiro: Kukw inkingi z’isi ar’ iz’ Uhoraho, Kandi ni zo yayiteretseko.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ