Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yakobo 2:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Vyomara iki ga bene Data, namb’ umuntu avuga yukw afise ukwizera, ata bikorwa akora? Mbeg’ ukwo kwizera kwoshobora kumukiza?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Mbega vyomara iki ga bene Data, nimba umuntu avuga ko afise ukwizera ariko ntakwerekanishe ibikorwa? Mbega ukwizera ben’ukwo kwoshobora kumukiza?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yakobo 2:14
31 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mbega ko mwizigiye amagambo y’ibinyoma adafise ikimazi!


Ariko ndababgira yuk’ ukugororoka kwanyu ni kutaruta ukw’ abanyabgenge b’ivyanditswe n’ukw’ Abafarisayo, mutazoruha mwinjira mu bgami bgo mw ijuru.


Arabishura, at’ Ūfise amapfundo abiri, rimwe n’arihe ūtarifise, n’ūfise ivyo kurya n’agire artyo.


Arik’ uwumva, ntabikore, asa n’umuntu yubatse inzu kw ivu, atimvye itanguriro: maz’ umugezi uyisūrirako, ica irasenyuka, uguhomvoka kw’iyo nzu kwabaye ugukomeye.


ntiyashirah’ itandukaniro hagati yacu na bo, yogesheje imitima yabo ukwizera.


Na Simoni na we arizera, kand’ amaze kubatizwa yāmana na Filipo: abonye ibimenyetso n’ibitangaza bihambaye vyakorwa, arūmirwa.


Nta n’agahimba ufise, nta n’akagabane kavyo, kuk’ umutima wawe udatunganye imbere y’Imana.


Kuko gukebga kugira ico kukumarira, iyo witondeye ivyagezwe: arikw iy’ ucumuye ku vyagezwe, ugukebga kwawe kuba gucitse ukudakebga.


kandi mugakizwa na bgo, asangwa mukibufashe nk’uko nabubabgiye, shiti mwoba mwizereye ubusa.


Ni hagira umuntu adakunda Umwami wacu, arakavumwa. Maran ata.


Bene Data, mwahamagariwe umwidegemvyo; mugabo rero, uwo mwidegemvyo ntimuwugire urwitwazo rw’akameremere kanyu, arik’ urukundo rubatere gukorerana.


Kuko muri Kristo Yesu, ar’ ugukebga, ar’ ukudakebga, bitagira ikimazi; ikigira ikimazi n’ukwizera gukoreshwa n’urukundo.


twibuka ubudasība ibikorwa vyanyu biva ku kwizera, n’ubutame buva mu rukundo, n’ukwihangana kuva ku kwizigira Umwami wacu Yesu Kristo, imbere y’Imana yacu, ni yo Data wa twese.


Arikw inyanduruko y’ukwigisha kwacu n’ukugira ngo bagire urukundo ruva mu mutima utanduye, utarimw’ ijwi ribāgiriza ikibi, no ku kwizera kutar’ ukw’ uburyarya.


kuko kwimenyereza kw’umubiri kugira ikimazi kuri bike, ariko kwubaha Imana kugira ikimazi kuri vyose, kuko kuzana isezerano ry’ubugingo bga none n’ubuzoza.


Bavuga yuko bazi Imana, ariko bayihakanisha ivyo bakora; n’abo kwankwa urunuka, n’abatumvira Imana, no mu bikorwa vyiza vyose nta co bamaze.


Iryo jambo n’iryo kwizerwa, ndagomba yuk’ utsindagira ivyo, ubikobereje, kugira ngw abizeye Imana bagire umwete wo kugumya gukora ibikorwa vyiza. Ivyo ni vyiza, bigira ico bimarira abantu.


Ukwizera ni kwo kwatumye Aburahamu atanga Isaka kw ikimazi, hamwe yagezwa: mber’ uwari yarākīranye igishika amasezerano, yarikw aratanga kw ikimazi umwana wiwe w’ikinege,


Ntimutwarwe n’inyigisho z’uburyo bginshi zādutse; kukw iciza ar’ uk’ umutima ushikamizwa n’ubuntu bg’Imana, ntushikamizwe n’ivyo kurya, kukw abishize muri vyo bitābagiriye ikimazi.


maz’ umwe muri mwebge akamubgira, ati Genda amahoro, ususuruke, uhāge; ariko ntimumuhe ivy’ umubiri ukena, vyomara iki?


Nk’umuntu yovuga, ati Weho ufise ukwizera, jeho mfise ibikorwa: nyereka ukwizera kwawe kutagira ibikorwa, nanje ndakwereka ukwizera kwanje guserurwa n’ibikorwa vyanje.


Nk’uk’ umubiri utarimw’ impwemu uba upfuye, ni k’ukwizera kutagira ibikorwa kumera, kuba gupfuye.


Mbere kubg’ iyo nyanduruko nyene, ubganyu mushiruke umwete wose; ukwizera kwanyu mukwongerekw ingeso nziza; ingeso nziza muzongerek’ ubgenge;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ