Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yakobo 2:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Kuk’ urubanza rutagirira akagongwe ūtāgize akagongwe. Ariko mu rubanza ikigongwe kiratsinda.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Kuko Imana mu guca imanza, abatazogirirwa imbabazi ni abanse kuzigirira abandi. Ariko abagira imbabazi bazozigirirwa, kuko imbabazi zirengeye urubanza!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yakobo 2:13
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze baravugana, bati Turikw inkurikizi ya murumuna wacu, s’ikindi, kuko twabonye intuntu yar’ afise mu mutima, hamwe yatwinginga, tukanka kumwumviriza; ni vyo bituzaniye ibi vyago.


Enda rero ni munyumve, ni musubizey’ aba bantu b’i wanyu mwanyaze; kuk’ uburake bg’inkazi bg’Uhoraho buri kuri mwebge.


Ku munyembabazi uzokwiyerekana ur’ umunyembabazi; K’ūtunganye uzokwiyerekana ur’ ūtunganye;


Imbabazi n’ukuri birahūye, Ukugororoka n’amahoro biragumbiranye.


Uwiziba amatwi umugorwa atakamba, Na we nyene azotakamba ntiyumvirizwe.


Ūnyikiza umugorwa aba amugwirije, Kand’ ūgabira umutunzi, aba amukehereje.


Amashami yaho ni yuma azohānyurwa; abagore bazoza bayacane; kukw iryo hanga ar’ iritagira ubgenge; ni co gituma Iyabaremye itazobagirira akagongwe, kand’ Iyababumvye itazobagirira akantu.


arik’ uwirata, ni yirate ibi, ko yammenye, akantahura, yuko nd’ Uhoraho nkunda kugira imbabazi no guca iziroranye n’izigororotse mw isi: kukw ivyo ari vyo bimpimbara, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Ubabgire, uti Ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, simpimbarwa n’uk’ umunyavyaha apfa, atar’ uko yohindukira, akava mu ngeso ziwe, akabaho: enda ni muhindukire, mugaruke muve mu ngeso zanyu mbi; n’iki gituma mugomba gupfa, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli?


N’iyihe Mana ihwanye nawe, iharira ibigabitanyo, ikīrengagiza igicumuro c’amasigarira y’abo yīzīziye? Ntuhorana uburake imisi yose, kuk’ uhimbarwa no kugira imbabazi.


Hahirwa abagira imbabazi, kukw ari bo bazozigirirwa.


Ariko ni mutāharira abantu ivyaha vyabo, na So na we ntazobaharira ivyaha vyanyu.


Aburahamu aramubgira, ati Mwana wanje, ibuka yuko wahawe ivyiza vyawe ukiriho, Lazaro na we yahawe ibibi: non’ amariwe imibabaro hano, nawe uraseserezwa.


Kandi ntimugahinyurire mu mitima yanyu, namwe mukazohinyurwa; kandi ntimugatsindishe, namwe mukazotsindishwa; mubohore, namwe muzobohorwa; mutange, namwe muzohabga;


Arik’ ubgenge buva mw ijuru, irya mbere buratunganye, kandi n’ubg’ amahoro, burengenga, bukunda kugīrwa inama, bguzuye imbabazi n’imbuto nziza, ntibukekeranya, ntibugira uburyarya.


Eh’ ingero z’abashwabuzi bābashwaburiye imirima, izo mwabagunze, zirataka: amaborogo y’abābashwaburiye yinjiye mu matwi y’Uhoraho Nyen’ ingabo.


Adoni‐bezeki aravuga, at’Abami mirongwirindwi naciye ibikumu n’amano manini bāhora batoragura utwo barya musi y’ameza yanje: uko nabagiriye ni kw Imana inshubirije mu nkōko. Nuko bamujana i Yerusalemu, agwayo.


Ayāmīrira imbere y’ibirenge vyiwe, arakumbagara, ararambarara; Imbere y’ibirenge vyiwe ni ho yayāmīriye, arakumbagara: Aho yayāmīriye ni ho yacīkāniye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ