Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yakobo 1:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 kukw ar’ umuntu w’imitima ibiri, adāguza mu nzira ziwe zose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 kuko ntiyiyeguriye Imana, afise imitima ibiri, ntashikamye mu kintu cose akora.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yakobo 1:8
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Eliya yēgēra abantu bose, arababarira, ati Muzogeza ryari kuba ba nyamujiryanino? Asangw’ Uhoraho ari we Mana, ni mumukurikire; na ho nyene ni yaba Bayali, abe ari yo mukurikira. Abantu ntibamwishura ijambo na rimwe.


Uko ni ko bāsaba Uhoraho, bagatako bagasaba izabo mana, nk’ukw imigenzo y’amahanga bākūwemwo yar’ imeze.


Nukw ab’ ayo mahanga bātinya Uhoraho, bagatako bagasaba ibishushanyo vyabo vy’ibibāzano; n’abana babo n’abuzukuru babo bakomeza kugenza bartyo; uko ba sekuruza bāgenza, na bo ni ko bagenza na bugingo n’ubu.


Nanka ab’ imitima ibiri; Arikw ivyagezwe vyawe ndabikunda.


Umwami Imana aravuga, at’ Aba bantu ko bahora baza hafi yanje, bazanye akanwa kabo gusa, bakanyubahisha iminwa yabo, arikw imitima yabo bakayishira kure yanje, n’ukunyubaha kwabo kukaba ar’ icagezwe bigishijwe n’abantu.


Bagira imitima ibiri: noneho babonetsek’ urubanza rubatsinze. Imana izosangangura vya bicaniro vyabo, isitagure za nkingi zabo.


Itara ry’umubiri n’ijisho. Ijisho ryawe iy’ ari ryiza, umubiri wawe wose uba uri n’umuco.


Nta wusaba abami babiri: kuko yokwanka umwe, agakunda uwundi, canke yoguma kur’ umwe, akagaya wa wundi. Ntimushobora gusaba Imana n’Itunga.


Uyo muntu yoye kwiyumvira kw ari n’ic’ azohabga n’Umwami Imana,


Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra. Yemwe banyavyaha, ni mukarabe: yemwe ab’ imitima ibiri, ni mwiyeze imitima.


Amaso yabo yuzuye ubusambanyi, ntahāga ivyaha, basukasuka imitima idashikamye, bafise imitima yamogoreye kwifuza inyungu, ni bo bana b’ibivume.


Yagenjeje artyo mu vyete vyiwe vyose, aho yavuze ivyo: muri vyo harimwo bimwe-bimwe bigoye itahura, ivy’ abatungu badakomeye bagoreka, nk’uko bagira ivyanditswe bindi, bakīhamagarira guhona.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ