Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yakobo 1:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Arikw asabe yizeye, ata co akekeranya, kuk’ ūkekeranya ameze nk’umupfunda wo mu kiyaga, utwarwa n’umuyaga, usimbaguritswa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Ariko igihe asaba, abe yizeye adakekeranya, kuko umuntu akekeranya ameze nk’umupfunda wo mu kiyaga, uhuhwa kandi uzungagizwa n’umuyaga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yakobo 1:6
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nk’ukw amazi asūriranya, ni ko nawe umeze, nuko ntukibaye akarenzo, Kuko wūriye uburiri bga so, Ukabuhumanya: mbere yūriye aja mu buryamo bganje!


Petero aramwishura, ati Mushingantahe, asangwa ari wewe, mbarira nze ah’ uri ku mazi.


None va hasi, wururuke ujane na bo ata co ukekeranya, kukw ari jewe mbatumye.


kugira ngo dushire ubgana, ntituzungazungishwe n’imipfunda, ngo tujanwe irya n’ino n’imiyaga yose y’inyigisho n’amangetengete y’abantu, n’ubugunge bgabo, n’uburyo bginshi bgo kutuzimiza.


Nuko ndagomba kw abagabo basenga hose, batarika amaboko yera, bataratse, batagira ibihāri.


Tugumye ukwatura ivyizigiro vyacu ntikunyiganyige, kuk’ uwasezeranye ar’ uwo kwizerwa,


kand’ ūtizera ntibishoboka kw ayihimbara; kuk’ uwēgēra Imana akwiye kwizera yukw iriho, igaha impēra abayirondera.


Ntimutwarwe n’inyigisho z’uburyo bginshi zādutse; kukw iciza ar’ uk’ umutima ushikamizwa n’ubuntu bg’Imana, ntushikamizwe n’ivyo kurya, kukw abishize muri vyo bitābagiriye ikimazi.


Uyo muntu yoye kwiyumvira kw ari n’ic’ azohabga n’Umwami Imana,


Kand’ ugusenga gufatanije n’ukwizera kuzokiza umurwayi, Umwami azomuvyura: kand’ asanzwe yarakoze ivyaha azobiharirwa.


Abo n’amasōko akamye, kandi n’ibipfungu bikubebga n’igihuhuta, barindirijwe umwiza w’umuzitanya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ