Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yakobo 1:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Arik’ ukwihangana gukwiye guhīngūra igikorwa cakwo, ngo mubone gutungana rwose muhīngūwe, mudahajije na kamwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Ukwihangana kumaze gukura, guca guheraheza igikorwa cakwo kugira ngo mubeho muri abantu bakuze kandi mukwije vyose, ata co muhajije.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yakobo 1:4
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arik’ umugororotsi azokomerera mu nzira yiwe, N’ūfise amaboko yiziguye azokwama yunguka inkomezi.


Uhwekerere imbere y’Uhoraho, umurorēre wihanganye: Ntuhagarikwe umutima n’ ūguwe neza mu rugendo rwiwe, N’umuntu ashitsa imigabo mibi.


Narorereye Uhoraho nihanganye; Antegera ugutwi, yumva ugutakamba kwanje.


Bushire hejuru, na bgo buzogukuza: Buzoguhesha icubahiro ni wabugūmbīra.


Kukw ivyerekanywe bifise igihe vyashingiwe, kandi vyihutira kugishikako, ntibizobesha; naho vyotebagana, ubirorēre, kuko bitazobura kuza, ntibizoteba.


Muzoba mwanswe na bose babahōra izina ryanje; arik’ uwihangana agashitsa iherezo ni we azokira.


Wa musore aramubgira, at’ Ivyo vyose naravyitondeye; har’ ikindi mpajije?


Mwebge ni mube agahore, nk’uko So wo mw ijuru ar’ agahore.


Yesu amwitegereje aramukunda, aramubgira, at’ Uhajije kimwe: genda, ushōre ivy’ utunze vyose, ugabire aboro, ni ho uzogira itunga mw ijuru, utek’ uze, unkurikire.


Yesu avyumvise aramubgira, ati Na non’ uhajije kimwe; shōra ivy’ ufise vyose, ugabire aboro, ni ho uzogira itunga mw ijuru, utek’ uze, unkurikire.


Ukwihangana kwanyu ni kwo kuzotuma mukiza ubugingo bganyu.


Izo mw ivu ryiza n’abumvise iryo jambo bakarigumya mu mitima myiza itunganye, bakāmishwa imbuto n’ukwihangana.


Jewe mbe muri bo, nawe ube muri jewe, ngo bahīngūrwe babe umwe, kugira ngw isi imenye kw ari wewe wantumye, ukabakunda, nk’uko wankunze.


Yamara, tuvugana ubgenge hagati mu bātunganijwe rwose, arik’ ubgo bgenge s’ubg’ iki gihe, cank’ ubg’ abaganza b’iki gihe bagenda bayōka.


Twame dukora ivyiza, ntiducobogore, kukw igihe ni cashika tuzokwimbura, ni tutarambirwa.


Epafura w’i wanyu, umugurano wa Kristo Yesu, arabatasha, yama abarwanira mu gusenga kwiwe kugira ngo mushikame, mutunganye rwose, mumenya neza mudakekeranya ivy’ Imana igomba vyose.


Kand’ Imana Nyen’ amahoro ibe ari yo ibeza rwose: kand’ impwemu yanyu n’ubugingo n’umubiri vyose hamwe bizigamwe, ngo bize bisangwe bitagira umugayo, ah’ Umwami wacu Yesu Kristo azozira.


kugira ng’ umuntu w’Imana abe ūshitse, afise ibimukwiye vyose, ngw akore igikorwa ciza cose.


ibe ari yo ibatunganya rwose mu ciza cose, kugira ngo mukore ivy’ igomba, ikorera muri twebge ibishimwa mu nyonga zayo, kubga Yesu Kristo: icubahiro kibe icayo ibihe bitazoshira. Amen.


Arikw asangwa har’ uwo muri mwebge akennye ubgenge, n’abusabe Imana, igabira bose ata kinūbge, idaterana imirarwe, azobuhabga.


Kuko twese dutsitara muri vyinshi. Umuntu wese adatsitara mu vy’avuga, aba ar’ umuntu atunganye rwose, ashobora no kuganza umubiri wiwe wose.


Kand’ Imana igira ubuntu bgose, yabahamagariye ubgiza bgayo budashira muri muri Kristo, ni mwaheza kubabazwa akanya gato, izobahīngūra rwose ubgayo, izobaremesha, ibahe inkomezi.


Kuk’ ūtagira ivyo ar’ impumyi, abona ibiri hafi gusa, yibagiye umwuhagiro w’ivyaha vyiwe vya kera.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ