Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yakobo 1:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Kukw izuba rirasa, rizanye indugumba, rikūmisha ivyatsi, amashurwe yavyo agahunguruka, ubgiza bg’ishusho yayo bugashira. Uko ni k’umutunzi azoyonga mu ngendo ziwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Izuba ryatse ubushuhe bwaryo bwumisha igiterwa; ishurwe ryaco rigakoroka n’ubwiza bwaryo bugakurwaho. Uko ni ko n’umutunzi azokwuma ari mu bikorwa vyiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yakobo 1:11
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abanyamahanga barakabiranye, Bava mu binyegero vyabo bahinda agashitsi.


Imisi yanje imeze nk’igitūtu kirehutse: Kandi nkabiranye nk’ubgatsi.


Umutima wanje ukubiswe nk’ ubgatsi, urakabiranye: Kuko nibagira kurya igisa canje.


Umuntu we, imisi yiwe ni nk’iy’ ivyatsi, Nk’ishurwe ryo ku musozi ni ko yamuza.


Kuko bazotemwa vuba nk’ ubgatsi, Bazokwuma nk’ukw imboga zitotahaye zuma.


N’ukuri umuntu wese agenda nk’icijiji; N’ukuri bahagarikira imitima ubusa: Umuntu arundanya ubutunzi, atazi ūzobutwara.


Mu gitondo birakura bigashurika; Ku mugoroba bigatemwa, bikūma.


Nk’uko yavuye mu nda ya nyina ari gusa, azogenda artyo nk’uko yaje, adatwaye ikintu na kimwe kivuye mu butame bgiwe yojana mu ntoke.


Igitsibo c’ubgibone bg’ababorewe b’Abefurayimu kizobona ibara, bo n’ishurwe ry’ ubgiza bg’icubahiro ciwe rikabiranye, riri ku mutwe w’ikiyaya kimera cane c’abatsindwa na vino, na ryo rizobona ibara.


kandi n’ishurwe ry’ubgiza bg’icubahiro ciwe rikabiranye, riri ku mutwe w’ikiyaya kimera cane, na ryo rizomera nk’insukoni y’isega, ici ritarasohora: ūyikubise ijisho, akiyishikana mu ntoke akayiyongobeza ako kanya.


Ntibazokwicwa n’inzara canke n’inyota, kand’ indugumba ntizobahundagaza cank’ izuba: kuk’ uwabagiriye ikigongwe azobaja imbere, akabashikana no ku masōko y’amazi.


Izuba rirashe, ziraraba, kukw ata mizi zifise, zirūma.


bat’ Abaherutse kuza, bagakora isaha imwe gusa, none k’ubaringanije natwe twacumukuye umurango wose no mu ndugumba!


Non’ Imana ko yambika ivyatsi vyo ku misozi irtyo, birih’ uyu musi, ariko nk’ejo bigatererwa mu ziko, mbega ntizorushiriza kubambika, mwebge ab’ ukwizera guke mwe?


izuba rirashe, ziraraba, kukw ata mizi zifise, zirūma.


n’abakoresha ivy’ isi, bamere nk’abatabishishikaye: kuk’ ukw isi imeze uku, kugenda gushira.


ngo tuze twegukire umwandu utazobora, utanduye, udakabirana, mwabīkiwe mw ijuru,


Nuk’ Umwungere mukuru ni yerekanwa, muzokwambikwa mu mitwe igitsibo c’ubgiza kitazoshira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ