Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yakobo 1:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 umutunzi na we, ni yirate kw acishijwe bugufi, kukw azoyoka nk’amashurwe y’ivyatsi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Ariko abatunzi bo, bakwiye kwishimira ko Imana yabacishije bugufi. Kuko bazokurwaho kurya kw’ishurwe ryo mw’ishamba.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yakobo 1:10
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ashurika bga shurwe, maz’ agacibga; Ahita nk’igitūtu, ntiyamaho.


Imisi yanje imeze nk’igitūtu kirehutse: Kandi nkabiranye nk’ubgatsi.


Umuntu we, imisi yiwe ni nk’iy’ ivyatsi, Nk’ishurwe ryo ku musozi ni ko yamuza.


Kuko bazotemwa vuba nk’ ubgatsi, Bazokwuma nk’ukw imboga zitotahaye zuma.


N’ukuri umuntu wese agenda nk’icijiji; N’ukuri bahagarikira imitima ubusa: Umuntu arundanya ubutunzi, atazi ūzobutwara.


Ijwi ry’ūvuga, ati Semerera. Uwundi ati Nsemerere iki? Ut’ Abafise umubiri bose n’ivyatsi gusa, n’ubgiza bgabo bgose bumeze nk’amashurwe yo ku musozi:


ivyatsi birūma, amashurwe agakabirana, kukw impwemu z’Uhoraho zībihūhako: n’ukuri abantu n’ivyatsi gusa.


Kuk’ ukw ari kw Imwe iri hejuru isumba vyose igize, iba ahatazoshira, izina ryayo n’Uwera; iti Mba hejuru ahantu hēra, kandi mbana n’ūfise umutima umenetse wicisha bugufi, kugira ngo mpēmbūre imitima y’abicisha bugufi, mpēmbūre n’abafise imitima imenetse.


Kukw ivyo vyose intoke zanje ari zo zabiremye, bikabaho vyose, ni k’ Uhoraho agize; arik’ umuntu w’impahazwa afise umutima umenetse, agahindishwa agashitsi n’ ijambo ryanje, uwo ni we nzohozakw ijisho.


ati Hahirwa aboro mu mitima yabo, kuk’ ubgami bgo mw ijuru ar’ ubgabo.


Non’ Imana ko yambika ivyatsi vyo ku misozi irtyo, birih’ uyu musi, ariko nk’ejo bigatererwa mu ziko, mbega ntizorushiriza kubambika, mwebge ab’ ukwizera guke mwe?


n’abakoresha ivy’ isi, bamere nk’abatabishishikaye: kuk’ ukw isi imeze uku, kugenda gushira.


Eka mbere n’ibintu vyose ndavyiyumvira kw ar’ ubuhombe, kubg’ ikibirengeye, ni co kumenya Kristo Yesu Umwami wanje. Kubg’ uwo nahomvye ibintu vyose, ndavyiyumvira kw ar’ ishano, kugira ngo ndonke Kristo,


Wihanize abatunzi bo mu vy’ iki gihe, boye kwibona, canke kwishimira ubutunzi butar’ ubgo kwishimirwa, ariko bishimire Imana, iduha vyose bisēsekaye, ngo tubinezererwe;


ariko mutazi ibizoba ejo. Ubugingo bganyu ni nk’iki? Mur’ umwuka uboneka umwanya muto, ugahava uyongayonga.


Kuko, Abafise umubiri bose basa n’ivyatsi, Ubgiza bgabo bgose bumeze nk’amashurwe y’ivyatsi; Ivyatsi birūma, amashurwe agahunguruka,


Kand’ isi irikw irashirana n’ivyifuzo vyayo, arik’ ūkora ivy’ Imana igomba yamah’ ibihe bidashira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ