Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Umusiguzi 9:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Bana umunezero, mwe n’umugore wawe ukunda, imisi yose y’ ukubaho kwawe kw’ubusa, yaguhaye musi y’izuba, ni yo misi yawe yose ipfa ubusa: kukw ivyo ari vyo mugabane wawe wo mur’ ubu bugingo, no mu miruho yawe uruhira musi y’izuba.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Umusiguzi 9:9
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Amazey’ igihe kirekire, Abimeleki umwami w’Abafilisitiya arungurukira mw idirisha, abona Isaka akinisha Rebeka umugore wiwe.


Umuntu ameze nk’impwemu zihumetswe gusa: Imisi yiwe imeze nk’igitūtu gishira.


Erega wahinduye imisi yanje nk’intambge z’intoke; Igihe c’ukubaho kwanje kuri wewe ni nk’ubusa: N’ukuri umuntu wese, naho yivuza, n’impwemu zihumetswe gusa. Sela.


Ūronse umugore aba aronse ikintu ciza, Kand’ aba aronse ingabire k’ Uhoraho.


Urugo bo n’itunga umuntu abiragwa n’abavyeyi, Arik’ umugore aciye ubgenge amuhabga n’Uhoraho.


Ikintu cose amaso yanje yifuza sinakiyima, kandi sinabujije umutima wanje ikinezereza na kimwe, kand’ umutima wanje wanezerezwa n’ubutame bganje bgose; kand’ ivyo bimbera umugabane uvuye mu butame bganje.


Nta kigirira umuntu ikimazi kurusha kurya no kunywa, no kunezeresha umushaha wiwe ivyiza mu butame bgiwe. Ivyo na vyo nabonye ko biva mu kuboko kw’Imana.


kand’ ikindi, yuk’ ubuntu bg’Imana ar’ uk’ umuntu wese yorya, akanywa, akanezererwa ivyiza mu butame bgiwe bgose.


Ni co catumye mbona yukw ata kintu kirenze ibi, umuntu kunezererwa ibikorwa vyiwe; kukw ico ari co mugabane wiwe: none ni nde azomugarukana kurāba ibizobaho hanyuma yiwe?


Eh’ ico nabonye kibereye kandi c’igikundiro: n’umuntu kurya akanywa, akanezererwa ivyiza bivuye mu butame bgiwe bgose, ubg’ atamira musi y’izuba, imisi yose y’ukubaho kwiwe, iyo Imana yamuhaye: kukw ivyo ari vyo mugabane wiwe.


None ni nde yomenya ico umuntu akwiye mu kubaho kwiwe, imisi yose y’ ukubaho kwiwe kw’ubusa, amara ari nk’igitūtu? None ni nde yobarira umuntu ibizoba inyuma yiwe musi y’izuba?


Ivyo vyose narabibonye mu misi yanje yapfuye ubusa: har’ aho umugororotsi akenyuka kand’ agororotse, kandi har’ aho umunyakibi aramba kand’ akora ibibi.


Nta wokoze ben’ ivyo, Mpwemu akiri muri we. Ūmufise bimumerera bite? Yifuza kugira uruvyaro ruzokwubaha Imana. Nuko rero mwirinde mu mitima yanyu, ntihagire ūryaruka umugore wiwe wo mu bucance.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ