4 kandi ni nde atazoba muri bo? Abariho bose baba bari n’ivyizigiro: kukw imbga ibona iruta intambge ipfuye.
None se ūtubaha Imana agira ivyizigiro ki, Iy’ Imana imuciye, ikamwaka ubugingo bgiwe?
Ubu n’ubuyobe mu bikorerwa musi y’izuba vyose, yukw iherezo rya bose ari rimwe: mbere, mu mitima y’abana b’abantu huzuyemw’ ibibi, kandi bakiriho, ubusazi buba mu mitima yabo, hanyuma bakitāhira mu bapfuye,
Ereg’ abariho baba bazi ko bazopfa; arikw abapfuye nta co baba bakizi, kandi nta mpēra baba bakibona; kuko kwibukwa kwabo kuba kwaramaze kwibagirana.
Kukw i kuzimu hadashobora kuguhimbaza, n’urupfu ntirushobora kugutazira, Kand’ abamanuka baja muri rwa rwobo ntibashobora kwishimira ukuri kwawe.