Umusiguzi 9:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)2 Vyose bibashikako kumwe bose: iherezo ni rimwe ku mugororotsi no ku munyakibi; ku munyangeso nziza no ku wejejwe no ku wuhumanye; ku muntu atanga ibimazi no ku muntu atabitanga: nk’uk’ umunyangeso nziza ameze, ni k’umunyavyaha ameze; nk’uk’ ūrahira ameze, ni k’ūtinya indahiro ameze. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Ndasubīra, nitegereza musi y’izuba, yuko mu gusiganwa, impayamaguru atari zo zisiga abandi, kandi mu ntambara kw abanyenkomezi atari bo batsinda, kandi n’abanyabgenge kw atari bo baronka indya, kand’ abakerebutse kw atari bo baronka itunga, kand’ abahanga kw atari bo batona; arikw ibihe n’ibiza ku muntu bipfa kubazako bose.