18 Ubgenge buruta ibirwanishwa vy’intambara, arik’ umunyavyaha umwe adabanganya ivyiza vyinshi.
Akora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, aja mu bizira vy’ubuyobe vy’abanyamahanga, abo Uhoraho yari yarirukanye imbere y’Abisirayeli.
Mugabo ibibi vyawe vyobabaza umuntu ameze nkawe; N’ubugororotsi bgawe uwo bgogirira ikimazi n’umwana w’umuntu gusa.
Isāzi zipfuye zituma amavuta yinjijwe n’abahinga babimogoreye anuka umuduhu: ni ko n’ubupfu naho bgoba buke bgonona ubgenge n’icubahiro.
Incabiti iy’ ipfushe, umuntu ntayikarishe, azoba akwiye kwongerakw inkomezi zo gushimika; arik’ ubgenge bugira ikimazi mu kurōngōra umuntu.
Kandi mbona yuko mu bgenge har’ inyungu kuruta mu bupfu, nk’uko mu muco har’ inyungu kuruta mu mwiza.
Kuk’ ubgenge ar’ ubgugamo, nk’ukw amahera ar’ ubgugamo; arikw inyungu iva mu kumenya n’iyi: n’uk’ ubgenge buzigama ubugingo bga nyenebgo.
Ubgenge bubera umunyabgenge ububasha kuruta abatware cumi bari mu gisagara.
Maze ndavuga, nt’ Ubgenge buruta inkomezi: yamara rero, ubgenge bga wa mworo bgarakēngerewe, n’ amajambo yiwe ntibaba bakiyemera.
Nk’uko Yane na Yambure bārwanije Mose, ni ko n’abo bagabo barwanya ukuri, abo n’abononekaye ubgenge, babaye ibihombe ku kwizera.
Mbega Akani, umwe mwene Zerahi, ntiyacumuye, agasotōra ku vyagizwe inyegu, ikoraniro ryose ry’Abisirayeli rikagībgako n’uburake? Kand’ uwo muntu ntiyipfanye mu gucumura kwiwe!
Arikw Abisirayeli bacumura mu vyagizwe inyegu y’Uhoraho; Akani mwene Karami, Karami wa Zabudi, Zabudi wa Zerahi, wo mu muryango wa Yuda, ni we yasotōye ku vyagizwe inyegu; maz’ uburake bg’Uhoraho buziriringira Abisirayeli.
Ab’i Hayi babīcamw’ abantu nka mirongwitatu na batandatu, barabakinagiza, babahanuye kw irembo ry’igisagara babashitsa i Shebarimu, bagenda barabīcira ku mumanuko. Maz’ imitima y’abantu ishongera mu nda zabo, icika nk’amazi;
Uyu musi iyaba abantu baretswe bakarya ku vyo basahuye abansi babo, vyari kugenda neza; ariko noneho mu Bafilisitiya ntihapfuye benshi cane.