16 Maze ndavuga, nt’ Ubgenge buruta inkomezi: yamara rero, ubgenge bga wa mworo bgarakēngerewe, n’ amajambo yiwe ntibaba bakiyemera.
Itunga ry’umutunzi rimubera igisagara gikomeye, Arikw ikimara aboro n’ubgoro bgabo.
Umunyabgenge yūrira inzitiro z’igisagara c’abahizi, Agasangangura ibikomeye bāri bizigiye.
Umunyabgenge aba uw’ inkomezi, Mber’ umuntu aciye ubgenge yunguka ubushobozi.
Inama nziza n’iyanje, bo n’ ubgenge bushitse, Ni jewe kumenya, ndi n’inkomezi.
Incabiti iy’ ipfushe, umuntu ntayikarishe, azoba akwiye kwongerakw inkomezi zo gushimika; arik’ ubgenge bugira ikimazi mu kurōngōra umuntu.
Kuk’ ubgenge ar’ ubgugamo, nk’ukw amahera ar’ ubgugamo; arikw inyungu iva mu kumenya n’iyi: n’uk’ ubgenge buzigama ubugingo bga nyenebgo.
Ubgenge bubera umunyabgenge ububasha kuruta abatware cumi bari mu gisagara.
Ubgenge buruta ibirwanishwa vy’intambara, arik’ umunyavyaha umwe adabanganya ivyiza vyinshi.