14 hābaye igisagara gitoya kirimw’ abantu bake; maze haza umwami ahambaye aragitera, arakiziguza, akirundira ibigunguzi binini bigikikije:
Hanyuma y’ivyo, Beni‐hadadi umwami w’i Siriya akoranya ingabo ziwe zose; aradūga atera i Samariya, arahugariza.
Kandi nabonye musi y’izuba ubgenge mur’ ubu buryo, kandi bgambereye igikomeye:
Kukw imisi izokuzako, ah’ abansi bawe bazokurundira ikirundo c’ivu kigukikije, na bo ubgabo bakagukikiza, bakakwugariza impande zose,
Mugabo, ibiti muzi ko bitama ibiribga, muze mubiririke, mubice, muvyubakishe ivyo kwuririrako kur’ ico gisagara kiriko kirabarwanya, gushitsa aho muzogitsindira.