Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Umusiguzi 9:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ivyo vyose nabishizek’ umutima, kugira ngo mbisese vyose; kandi nabonye yukw abagororotsi n’abanyabgenge bari mu kuboko kw’Imana, bo n’ibikorwa vyabo, n’urukundo n’urwanko; abantu buntu nta co bazi; vyose bir’ imbere yabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Umusiguzi 9:1
31 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni we afise mu kuboko kwiwe ubugingo bg’ikintu cose kizima, N’impwemu z’ababaho bose.


Rāba mwebge mwese ubganyu mwaravyiboneye; None se n’iki gitumye muba abatagira ico bamaze na mba?


Arikw iyaba jewe, mba narambambiye Imana, Iryo mfise mba naryitwaye ku Mana;


Warabibonye, kuk’ urāba ukugira nabi n’inzigo, kugira ng’ ubishire mu kuboko kwawe; Umurushwa yegamira wewe wenyene; Ni wewe mutabazi w’impfuvyi.


Ubugingo bganje buri ku maregerege imisi yose, Ariko sinibagira ivyagezwe vyawe.


Mu kuboko kwawe ni ho nshize ubugingo bganje; Warancunguye Uhoraho, we Mana y’ukuri.


Kuko nagirira ishari abībone, Aho nabona abanyakibi baguwe neza.


Uremeke Uhoraho ibikorwa vyawe, Ni ho imigabo yawe izokomera.


Kandi nashize umutima wanje ku kumenya ubgenge, no ku kumenya ubujuju n’ubupfu ivy’ ari vyo: na vyo nyene nabonye kw ar’ uguhahamira umuyaga.


Kand’ igipfu gihogomboka mu magambo; umuntu ntazi ibizobaho; kand’ ibizobah’ inyuma yiwe yobibgirwa na nde?


Ivyo vyose narabibonye mu misi yanje yapfuye ubusa: har’ aho umugororotsi akenyuka kand’ agororotse, kandi har’ aho umunyakibi aramba kand’ akora ibibi.


Maze nshira umutima wanje ku kumenya no gusesa no guserangura ubgenge n’ inyanduruko z’ibintu, no kumenya kw icaha ar’ ubupfu, kandi k’ubupfu ar’ ibisazi.


Harih’ ic’ ubusa gikorerwa kw isi; n’uko har’ abagororotsi bagirirwa ibikwiranye n’igikorwa c’abanyakibi, hakabaho n’abanyakibi bagirirwa ibikwiranye n’igikorwa c’abagororotsi: navuze yukw ivyo na vyo nyene ar’ ubusa.


Mmaze gushira umutima wanje ku kumenya ubgenge no kwitegereza igikorwa gikorerwa kw isi — kuko har’ Uwo amaso yiwe atabona agatiro, ari ku murango canke mw ijoro —


kukw atazi ikizobaho; none ni nde yomubarira ingene bizomera?


Urukundo rwabo n’urwanko rwabo n’ishari ryabo, vyose biba vyarashize: kandi ntibaba bagifise umugabane ku kintu na kimwe gikorerwa musi y’izuba gushitsa ibihe bidashira.


Uhoraho, uzoturonsa impore, kukw ivyo dukora vyose ari wewe ubidusohoreza.


abagabo n’abagore n’abana, n’abakobga b’ umwami, n’umuntu wese Nebuzaradani umukuru w’abashibamyi yari yararagije Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu wa Shafani, bo n’ūvugishwa n’Imana Yeremiya, na Baruki mwene Neriya;


N’ivy’ ukuri arakunda amahanga, Abera biwe bose bari mu kuboko kwiwe, Bicaye hambavu y’ibirenge vyiwe, Umuntu wese yumva amajambo yiwe.


Ni co gituma kandi mbabazwa ntya, yamara ntibintera isoni, kuko nzi uwo nizeye, kandi nzi ntakekeranya yukw ashobora kuzigama ikibītsanyo namubīkije gushitsa kuri wa musi.


mwebge abazigamwa n’ubushobozi bg’Imana kubg’ ukwizera, muzigamirwa agakiza kāteguwe kuzohishurwa mu gihe c’iherezo.


Azozigama ibirenge vy’abagororotsi biwe, Arikw abanyavyaha bazohonera mu muzimagiza, Kukw inkomezi z’umuntu atari zo zimuha kunesha.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ