Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Umusiguzi 8:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Nta muntu ariho afise ububasha ku mpwemu ziwe, ngw azīgumirize, kandi nta bubasha agira bgo kubuza umusi w’urupfu; mur’ izo ntambara nta kurekurwa kuriho, kand’ uwihaye ikibi ntikizomukiza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Umusiguzi 8:8
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Erega twese tuzopfa, tumeze nk’amazi asēseka ntayorwe. Mbere n’Imana ntiyiciraho, arikw irondera uburyo kugira ng’ uwaciwe ntaz’ arinde apfa akir’ igicibga.


Nuko baca aho baciye, barinda bashika kuri Yorodani; basanga inzira yose ar’ impuzu n’ibintu Abasiriya bagiye barata mu kwiruka. Nukw izo ntumwa ziragaruka zibibarira umwami.


Imisi yiwe ko yashinzwe, igitigiri c’amezi yiwe kikaba gifiswe nawe, Ukaba waramushingiye akarimbi adashobora kurēngāna;


Yokwisubizako Mpwemu wayo, Ikagarukana n’uguhumeka kwayo,


Ni nde muntu azoramba ntabone urupfu, Agakiza ubugingo bgiwe ukuboko kw’i kuzimu? Sela.


Abanyakibi bazosubizwa i kuzimu, Mbere n’amahanga yose yibagira Imana.


Umuntu ntacimbatazwa n’ ikibi, Arikw imizi y’abagororotsi nta ho izonyiganyizwa.


Umunyakibi atsindwa hasi n’ugukora nabi kwiwe, Arik’ umugororotsi agira ivyizigiro mu rupfu rwiwe.


Impwemu z’umuntu iyo zimuvuyemwo, ni nde yomenya ko zidūga? Cank’ impwemu z’igikōko iyo zikivuyemwo ko zimanuka mu kuzimu?


ariko nta mahoro azoba ku munyakibi, kand’ imisi yiwe ntazoyirambiramwo, imeze nk’igitūtu; kukw atubaha Imana ari mu nyonga zayo.


Kukw abantu batazi igihe cabo na mba; nk’ ukw amafi afatwa n’urusenga rw’ ubugesera, kandi nk’ukw inyoni zifatwa n’umutego, uko ni kw abana b’abantu bafatwa n’umutego w’igihe c’ubugesera, kibaguyeko giturumbuka.


Ko muvuga, muti Twasezeranye isezerano n’ urupfu, kandi twemeranije n’i kuzimu; mut’ Icago ni casendanisha kigahita mu gihugu, muti Ntikizodushikako; muti Kuko twironkeye ubuhungiro mu binyoma, tukaba tunyegeye musi y’ ubugunge:


Maz’ isezerano mwasezeranye n’urupfu rizopfa, kand’ inyemero mwemeranije n’i kuzimu ntizohama; arikw icago ni casendanisha kigahita mu gihugu, ni ho kizobasiribangira hasi.


Kuko widibamiye mu bubi bgawe ata co wicura, ukavuga, uti Nta wumbona; ubgenge bgawe n’ukumenya kwawe ni vyo bikujimije; wīyāga mu mutima, uti Ni jewe ndiho, nta wundi atari jewe.


habibga igikēngērwa, hazurwa ic’ icubahiro; habibga ikinyantege nke hazurwa ic’ inkomezi;


Kukw intege nke zāteye kw abambga, ariko non’ ariho kubg’ ubushobozi bg’Imana. Natwe tur’ abanyantege nke muri we, ariko tuzobanaho na we, kubg’ ubushobozi bg’Imana tubereyeho mwebge.


Kandi nk’ukw abantu bābīkiwe gupfa rimwe, hanyuma yaho hakaza amateka,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ