Ni co catumye mbona yukw ata kintu kirenze ibi, umuntu kunezererwa ibikorwa vyiwe; kukw ico ari co mugabane wiwe: none ni nde azomugarukana kurāba ibizobaho hanyuma yiwe?
None ni nde yomenya ico umuntu akwiye mu kubaho kwiwe, imisi yose y’ ukubaho kwiwe kw’ubusa, amara ari nk’igitūtu? None ni nde yobarira umuntu ibizoba inyuma yiwe musi y’izuba?
Ku musi w’amahoro unezerwe; ku musi w’ amarushwa wiyumvire: Imana yarabibangikanije, kugira ng’ umuntu ntaz’ aserangure ikintu na kimwe kizoba hanyuma yiwe.