Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Umusiguzi 8:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 kukw atazi ikizobaho; none ni nde yomubarira ingene bizomera?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Umusiguzi 8:7
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hamani arongera arababgira, ati Kandi n’umwamikazi Esiteri nta wundi yakundiye kwinjirana n’umwami ku giturire yiteguye atari jewe; mbere n’ubu yantumiye ngo n’ejo nze njane n’umwami.


Kukw ivyago no kugeseza bivuye kur’ abo bompi bizoza giturumbuka, Kandi ni nde yobimenya?


Ntukarāte ivy’ ejo, Kuk’ utazi ivyo umusi uzovyara.


Ūhanūrwa kenshi akagamika izosi Azovunagurwa giturumbuka, atagira gitabara.


Kand’ igipfu gihogomboka mu magambo; umuntu ntazi ibizobaho; kand’ ibizobah’ inyuma yiwe yobibgirwa na nde?


Ni co catumye mbona yukw ata kintu kirenze ibi, umuntu kunezererwa ibikorwa vyiwe; kukw ico ari co mugabane wiwe: none ni nde azomugarukana kurāba ibizobaho hanyuma yiwe?


None ni nde yomenya ico umuntu akwiye mu kubaho kwiwe, imisi yose y’ ukubaho kwiwe kw’ubusa, amara ari nk’igitūtu? None ni nde yobarira umuntu ibizoba inyuma yiwe musi y’izuba?


Ku musi w’amahoro unezerwe; ku musi w’ amarushwa wiyumvire: Imana yarabibangikanije, kugira ng’ umuntu ntaz’ aserangure ikintu na kimwe kizoba hanyuma yiwe.


Ivyo vyose nabishizek’ umutima, kugira ngo mbisese vyose; kandi nabonye yukw abagororotsi n’abanyabgenge bari mu kuboko kw’Imana, bo n’ibikorwa vyabo, n’urukundo n’urwanko; abantu buntu nta co bazi; vyose bir’ imbere yabo.


Kukw abantu batazi igihe cabo na mba; nk’ ukw amafi afatwa n’urusenga rw’ ubugesera, kandi nk’ukw inyoni zifatwa n’umutego, uko ni kw abana b’abantu bafatwa n’umutego w’igihe c’ubugesera, kibaguyeko giturumbuka.


Nuko namwe mwame mwiteguye, kuk’ Umwana w’umuntu azoza mu gihe mutiyumviriye.


shebuja w’uwo mushumba azoza ku musi atamwiteze no mu gihe atazi:


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ