Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Umusiguzi 8:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Umuntu wese yitondera icagezwe ntazogira ikibi abona; kand’ umutima w’umunyabgenge utahura ko hazoba igihe n’imanza:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Umusiguzi 8:5
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abo mu Bisakari bazi ubgenge bgo kumenya ibihe, bakamenya n’ivyo Abisirayeli bakwiye gukora, bār’ abakuru amajana abiri, bāzananye n’ abandi b’i wabo bāgaba.


Aho nzoshirira umutima ku mabgirizwa yawe yose Ni ho ntazomāramāra.


Arikw abo bākirizi bubaha Imana, ntibagira nk’uk’ umwami wa Egiputa yabageze, bareka n’ abana b’abahungu.


Nta cago kizoba ku mugororotsi, Arikw abanyakibi buzuye ibibi.


Ubgenge bur’ imbere y’ūkerebutse, Arikw amaso y’igipfu agenda ajarajara gushitsa ku mpera z’isi.


Umutima w’umunyabgenge umuroresha i buryo, arik’ umutima w’igipfu ukiroresha i bufuti.


Vyose vyarumviswe: indunduro yavyo n’iyi: Wubahe Imana, witondere ivyagezwe na yo; kukw ivyo ari vyo bibereye rwose umuntu wese.


Umunyabgenge amaso yiwe aba mu mutwe, arikw igipfu co kigendera mu mwiza: yamara nabonye yukw iherezo rya bompi ari rimwe.


Ndakugīriye inama: witondere icagezwe c’umwami, nk’uko wabirahiye Imana.


Efurayimu arahahajwe, avungavunzwe n’iteka aciriweko, kuko yahurumbiye inyuma y’ibinyoma.


Arababarira, ati Nuko rer’ ivya Kayisari ni mubihe Kayisari, ivy’ Imana mubihe Imana.


Petero na Yohana barabishura, bati Namb’ ari vyiza mu nyonga z’Imana kubumvira kubarutisha Imana, ni mubitandukanye:


Maze Petero n’intumwa barabishura, bat’ Igikwiye n’ukwumvira Imana kuyirutisha abantu.


Ni co gituma natwe, uhereye igihe twavyumviye, tudahengeshanya kubasengera, no kubasabira ngo mwuzuzwe ukumenya ivy’ igomba n’ubgenge bgose no kumenya ivy’ impwemu,


Ariko, ivyo kurya bigumye n’ivy’ abakuze, bafise ubgenge, maze kubgo kwama babukoresha, bumogorera gutandukanya ikibi n’iciza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ