2 Ndakugīriye inama: witondere icagezwe c’umwami, nk’uko wabirahiye Imana.
Arik’ umwami Dawidi arēngāna Mefibosheti mwene Yonatani umwuzukuru wa Sauli, kubg’ indahiro bārahiriye imbere y’ Uhoraho, bo na Yonatani nyene, mwene Sauli.
None n’iki cakubujije kwitondera indahiro y’ Uhoraho n’icagezwe naguhaye?
Abaganwa bose n’abantu b’abahizi, bo n’abana bose b’umwami Dawidi, bakomera amashi umwami Salomo.
indahiro aja kurahira izina ry’ Uhoraho iz’ abe ari yo ibarangiriza, yukw atākojeje ukuboko ku bintu vya mugenzi we; nyene vyo ayemere, uwo ntārinde kumuriha.
Mwana wanje, utinye Uhoraho, bo n’umwami, Kandi ntukifatanye n’abagarariji:
Ubibutse kugamburukira abakuru n’abafise ubushobozi, no kubumvira, no kwitegurira igikorwa ciza cose,
Nuko bashitse mur’ ico kibira, basanga ubgo būki buriko burashonga; ariko ntihagira umuntu n’umwe akoza intoke ku munwa, kuko bātinya kurenga indahiro.