Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Umusiguzi 8:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Nah’ umunyavyaha yokora ikibi ibihetangabo ijana, akaramba cane, yamara ndazi kw abubaha Imana ari bo bazoba amahoro, abayubaha bari mu nyonga zayo;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Umusiguzi 8:12
34 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nta wundi yigeze kwīgira umugurano wo gukora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi nka Ahabu, yavyohejwe n’umwamikazi wiwe Yezebeli.


Yemwe abari mw isi mwese, muhindire agashitsi imbere yiwe: Isi na yo irashimangiye, ntishobora kunyiganyiga.


Ariko noneho, uburake bgayo ko butātumye ihana, Ntinababare cane ivy’ amanyama,


Haleluya! Hahirwa uwubaha Uhoraho, Agahimbarwa cane n’ivyagezwe vyiwe.


Azoha umugisha abubaha Uhoraho, Aboroshe n’abahambaye.


Ibikorwa vy’amaboko yawe bizogutunga, Uzonezerwa, uzohirwa.


Arikw abagwaneza bazoragwa igihugu, Bazonezererwa amahoro y’ umusēsekara.


Musenge Uhoraho mwubashe, mushazishije ukwera: Yemwe abari mw isi mwese, muhindire agashitsi imbere yiwe.


Imana igirira neza abo bākirizi; iryo hanga rica riragwira, riba igisata.


Ivyago bikurikirana abanyavyaha, Arikw abagororotsi bazohērwa ivyiza.


Hahirwa umuntu yama yiyubara; Arik’ uwikomantaza umutima azogwa mu vyago.


Vyose vyarumviswe: indunduro yavyo n’iyi: Wubahe Imana, witondere ivyagezwe na yo; kukw ivyo ari vyo bibereye rwose umuntu wese.


Ndazi yukw ico Imana ikora cose kizokwamaho: nta kintu gishobora kwongerwa kuri co, kandi nta kintu gishobora gukūrwa kuri co: Imana ni yo yagikoze, kugira ngw abantu bayubahe.


Kand’ iki na co n’ikibi gikomeye, yuk’ uko yaje kwose ari kw azogenda: non’ afise inyungu ki mu buruhe yaruhiye umuyaga?


Kuko mu nzozi nyinshi harimw’ ubusa, no mu magambo menshi n’uko: ariko weho, wubahe Imana.


Ivyo vyose narabibonye mu misi yanje yapfuye ubusa: har’ aho umugororotsi akenyuka kand’ agororotse, kandi har’ aho umunyakibi aramba kand’ akora ibibi.


Ivyiza n’uko bimwe ubifata, ibindi na vyo ntubikūrek’ ukuboko: kuk’ uwubaha Imana azokwikiza mur’ ivyo vyose.


Ntibarīcīsha bugufi gushitsa no kur’ uyu musi, ntibaratinya, ntibaragendera mu vyagezwe vyanje, canke mu mabgirizwa yanje, ivyo nashize imbere yanyu n’imbere ya ba sogokuruza.


Maz’ Umwami azobgira abar’ i buryo bgiwe, ati Ni muze, abo Data yahezagiye, muragwe ubgami mwateguriwe, uhereye ku kuremwa kw’isi.


Imbabazi zayo ziri ku bayubaha ku buzukuru no ku buzukuruza‐kuruza babo:


Ariko kuk’ ufise umutima ukomantaye utihana, wirindiriza uburake buzoba ku musi wo kuraka, ah’ amateka abereye y’Imana azohishurirwa,


Mbega har’ ico biriko, nah’ Imana yagomvye kwerekana uburake bgayo, no kumenyesha ubushobozi bgayo, namba yihangananiye imbabazi nyinshi inzavya z’ukuraka, ziteguriwe guhona;


Ntimukaburye, kugira ngo mube mu vyiza, mwe n’abana banyu bazovuka hanyuma, kuko muzoba mukoze ivyo Uhoraho abona ko bitunganye.


Aya majambo yose mbageze muze muyitondere, muyumvire, kugira ngo mube mu vyiza, mwe n’abana banyu bazovuka hanyuma gushitsa ibihe bidashira, kuko muzoba mukoze ivyo Uhoraho Imana yanyu abona kw ari vyiza kandi bitunganye.


Kandi muze mwitondere amabgirizwa yiwe n’ ivyagezwe vyiwe, ivyo mbagera uyu musi, kugira ngo mube mu vyiza, mwe n’abana banyu bazovuka hanyuma, kugira ngo mwame mu gihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye kugeza ibihe bidashira.


Umwami Imana arazi gukiza abamwubaha ibibagerageza, no kurinda abagabitanya bahanwa gushitsa ku musi w’amateka,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ