Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Umusiguzi 7:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Ntukihutire kuraka mu mutima: kuk’ uburake bgama mu mushaha w’ibipfu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Umusiguzi 7:9
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Kayini abarira Abeli murumuna we, ati Ngo dusohoke tuje mu gahinga. Maze bari mu gahinga, Kayini agurukira kuri Abeli murumuna we, aramwica.


Kandi Abusalomu ntiyaba akigira ico avugana na Amunoni, ari kibi ari ciza, kuko Abusalomu yar’ agiriye Amunoni urwanko, kuko yononye mushiki we Tamari.


Nuko Abusalomu arahava abarira abasuku biwe, ati Muje muritegereza Amunoni: ni mwabona amaze guhimba vino, nkababarira, nti Ni muzibagure Amunoni; nuko muce mumwica, ntimutinye: none si jewe nzoba ndabibabariye? Nuko mugumye imitima, mube abahizi.


Maze Yonadabu mwene Shimeya, Shimeya mukuru wa Dawidi, aramubarira, ati Mugenzi, erega ntugire ngo bishe abana bawe bose; Amunoni wenyene ni we yapfuye; kukw ivyo Abusalomu yabigabiye guhēra umusi Amunoni yonona mushiki we Tamari.


Abisirayeli bishura Abayuda, bat’ Umwami tumufiseko hanini ibihetangabo cumi; kubg’ ivyo Dawidi n’uwacu kuruta mwebge. None n’iki catumye mudukēngēra, kand’ ari twebge twabatanze kugira inama yo kugarukana umwami wacu? Arikw Abayuda mu magambo yabo bāri bakarātiye kuruta Abisirayeli.


Ikirandamuke gikora ivy’ ubupfu, Kand’ umuntu w’akazīkira baramwanka.


Ūteba kuraka aba ar’ umunyabgenge bginshi, Arikw ikirandamuke cīhaya ubupfu.


Ūteba kuraka aruta umunyenkomezi, Kand’ ūganza umutima wiwe aruta ūnesheje igisagara.


Ntukihutire kubūrana, Uburuhiro ntuz’ usange waguye mu rudubi, Mugenzawe amaze kukumāramāza.


Ntukavuge, uti Ni ku ki imisi ya kera iruta iy’ ubu? Kuko mur’ ivyo utaba ubajije ivy’ ubgenge.


None rero, Uhoraho, ndakwinginze, pfuma unyica, kuko gupfa kundutiye kubaho.


Maz’ izuba rirashe, Imana igera umuyaga w’indugumba, ng’ uve i burasirazuba; izuba rinaga Yona mu mutwe, bituma ahinduka urusogosogo, yisabira gupfa, ati Gupfa vyondutira kubaho.


Maz’ Imana ibaza Yona, iti Mbega k’urakijwe urtyo n’ ico kibonobono, ugize neza? Arayishura, ati Ngize neza kugira uburake, mbere bgonyica.


Ni co catumye Herodiya amugirira akazīka, agomba kumwica, ntiyaronka uburyo:


Arasohoka, abaza nyina, ati Nsabe iki? Aramwishura, ati Saba umutwe wa Yohana Umubatizi.


Ivyo murabizi, bene Data nkunda. Yamar’ umuntu wese ni yihutire kwumva, atebe kuvuga, atebe kuraka:


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ