8 Iherezo ry’ikintu riruta itanguriro ryaco; kand’ uw’ umutima wihangana aruta uw’ umutima w’ubgibone.
Ubgibone butera imitongano gusa, Arik’ ubgenge bubana n’ abemera inama nziza.
Ūteba kuraka aba ar’ umunyabgenge bginshi, Arikw ikirandamuke cīhaya ubupfu.
Umuntu w’inkazi avyura ibihāri, Arik’ ūteba kuraka ahwamika imitongano.
Ūteba kuraka aruta umunyenkomezi, Kand’ ūganza umutima wiwe aruta ūnesheje igisagara.
Uwigungirako vyose avyura imitongano, Arik’ uwizigira Uhoraho agira itōto.
Ukuvugwa neza kuruta amavuta atāmirana y’igiciro kinini, kand’ umusi wo gupfa uruta uwo kuvukako.
Aburahamu aramubgira, ati Mwana wanje, ibuka yuko wahawe ivyiza vyawe ukiriho, Lazaro na we yahawe ibibi: non’ amariwe imibabaro hano, nawe uraseserezwa.
Ukwihangana kwanyu ni kwo kuzotuma mukiza ubugingo bganyu.
Arikw ivyo Mpwemu yama n’urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, kugira neza, ingeso nziza, kuba umwizigirwa,
mwiyoroheje rwose, mufise ubugwaneza, mwihangana, mubabariranira muri mu rukundo,
Kuko mukwiye kwihangana, kugira ngo ni mwamara gukora ivy’ Imana igomba mubone guhabga ivyasezeranywe.
Eh’ abihanganye tubita abahirwe: mwarumvise ukwihangana kwa Yobu, mwabonye ivy’ Umwami Imana yaherutse kumugirira, ingene yuzuye imbabazi no kugira ikigongwe.
Nuko namwe mwihangane, mureme mu mitima, kuk’ ukuza kw’Umwami kuri hafi.
Nuko rero mukenyere mu mitima yanyu, mwirinde ibiboreza, mwizigire rwose ubuntu muzozanirwa mu kuzohishurwa kwa Yesu Kristo.