Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Umusiguzi 7:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Iciza n’ ukwumvira igihano c’umunyabgenge kuruta kwumviriza imvyino z’ibipfu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Umusiguzi 7:5
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umugororotsi ankubise, bizoba ar’ ukungirira neza; Ampannye, bizoba ari nko kunsīga amavuta ya elayo mu mutwe: Umutwe wanje woye kuvyanka. Ariko gusenga kwanje gukomeza kurwanya ivyaha vya ba bandi.


Abicara kw irembo baramvuga; Nd’ indirimbo y’ababorewe.


Umuntu wese akēngēra ijambo yikwegera guhona, Arik’ uwubaha icagezwe azohērwa.


Ubgoro n’ibitētērwa bizoba ku wanka gutozwa indero nziza, Arik’ uwumvira igihano azokwubahwa.


Umuntu afise ubgenge iy’ ahambariwe bimushika kure Kurusha ukw inkoni ijana zishika ku gipfu.


Ukw impeta y’izahabu imeze, bo n’utugenegene two kwambarwa tw’izahabu nziza, Ni k’umunyabgenge azi guhanura amerera ugutwi kwumva.


Gukubitwa n’umukunzi biba bitewe n’ukuri, Arik’ ugusomagura kw’umwansi buba ar’ uburyarya.


Kukw icagezwe ar’ itara, kand’ amabgirizwa ar’ umuco; Kand’ uguhana kw’ukwigisha ar’inzira y’ubugingo:


Ntiwihanize umucokoranyi, yohava akwanka: Wihanize umunyabgenge, azogukunda.


Amajambo y’abanyabgenge ni nk’imihunda, kand’ amajambo atororokanijwe ni nk’imambo zishimangiwe, umwungere umwe ari we yayatanze.


Umutima w’abanyabgenge uri mu nzu y’abagandaye, arik’ umutima w’ibipfu uri mu nzu y’ibikino.


Amajambo y’abanyabgenge avuzwe buhoro yumvirizwa kurusha gusemerera kw’umuntu w’iremezo ry’ibipfu.


Abo nkunda bose ndabakankamira, nkabakāngīra; nuko gira umwete, wihane.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ