4 Umutima w’abanyabgenge uri mu nzu y’abagandaye, arik’ umutima w’ibipfu uri mu nzu y’ibikino.
Nuko Abusalomu arahava abarira abasuku biwe, ati Muje muritegereza Amunoni: ni mwabona amaze guhimba vino, nkababarira, nti Ni muzibagure Amunoni; nuko muce mumwica, ntimutinye: none si jewe nzoba ndabibabariye? Nuko mugumye imitima, mube abahizi.
Mu gihe c’amashōka barasokoroka bava mu gisagara ngo barwane. Kand’ ico gihe Beni‐hadadi yarikw aranywa, amaze kuborerwa, bo na ba bami bari batabaye, ukw ari mirongwitatu na babiri, bari mu nsago.
Nibgiye mu mutima wanje, nt’ Enda nkugeragereshe ibinezereza; nuko rer’ uhimbarwe n’ivyiza: kandi rāba n’ivyo na vyo vyabaye ivy’ ubusa.
Umubabaro uruta agatwengo: kuko naho mu maso hoba hijiriwe, umutima womera neza.
Iciza n’ ukwumvira igihano c’umunyabgenge kuruta kwumviriza imvyino z’ibipfu.
Umutima wanje urahuzagizwa, mpundagajwe n’ubgoba: ijoro nari nifuje ryampindukiye agatengo.
Bamaze kuborerwa nzobategurira amazimano, kandi nzobaboreza kugira ngo banezerwe, basinzire itiro ry’intashira, batazokwikangura ukundi, ni jewe Uhoraho mbivuze.
Kandi nzoboreza abaganwa baho n’abanyabgenge baho, bo n’abagabisha baho, n’abahaganza n’abahizi baho; bazosinzira itiro ry’intashira, ntibikangure ukundi, ni jewe Umwami mbivuze, izina ryanje nd’ Uhoraho Nyen’ ingabo.
Maze mur’ iryo joro nyene Belushaza umwami w’i Bukaludaya aricwa.
Abaganwa bārwaye kuborerwa vino ku musi mukuru w’umwami wabo, na we nyene yaya amaboko hamwe n’abacokoranyi.
Kuko naho bomera nk’amahwa azitanye, canke bagahindurwa iveve n’inyobga, bazotōngōrwa rwose nk’ibirararara vyumye.
Nuko Abigayili asubirayo, asanga Nabali yarondeje amazimano mu nzu yiwe, nk’amazimano y’umwami, asigaye adayangwa kuko yaborewe cane; ni co catumye atagira ico amubarira, ari gito ari kinini, gushitsa bukeye.
Nukw amumanukanye, basanga bagandagaje, bariko bararya, binywera, batārīka, bahimbawe n’inyagano nyinshi banyaze mu gihugu c’Abafilisitiya no mu c’Abayuda.