3 Umubabaro uruta agatwengo: kuko naho mu maso hoba hijiriwe, umutima womera neza.
Ntarababazwa narazimira; Ariko noneho nitondera ijambo ryawe.
Kubabazwa kwangiriye ikimazi, Kugira ngo nige ivyo washinze.
Navuze ku bitwengo, nti Birasaze, no ku binezereza, nti Bimaze iki?
Umutima w’abanyabgenge uri mu nzu y’abagandaye, arik’ umutima w’ibipfu uri mu nzu y’ibikino.
Arambgira, at’ Ewe muntu w’umukundwa cane, nta co utinya: mpore, mpore, gira amahoro! Akibimbgira, nca ndaremerana, ndavuga, nti Databuja n’uvuge, kuk’ unsubijemw’ intege.
Hahirwa mwebge mushonje none, kuko muzohāzwa. Hahirwa mwebge murira none, kuko muzotwenga.
Muzobona ibara, mwebge muhāze none; kuko muzosonza. Muzobona ibara, mwebge mutwenga none; kuko muzoboroga murira.
Kukw amarushwa yacu ahwahutse y’akanya ka none yiyongeranije cane kudushikiriza ubgiza buremereye bg’ibihe bidashira.