29 Eh’ ico nabonye n’iki kimwe gusa, n’ukw Imana yaremye abantu bagororotse; ariko bo birondereye ivyo bigeneye vyinshi.
Iki n’igitabo kidōndōra uruvyaro rwa Adamu. Ku musi Imana yaremeyek’ umuntu, mw ishusho yayo ni ho yamuremye;
Uko ni ko bāmurakishije ibikorwa vyabo; Ikīza kirabūbīra.
Uko ni ko bandujwe n’ ibikorwa vyabo, Bagenda bahurumba nk’ ibimaka mu ngeso zabo.
Uhoraho, Mana yacu, wahora ubishura: War’ Imana ibaharira, Naho wabahōra ivyo bakora.
Ni nde ameze nk’umunyabgenge? Ni nde azi ukw ikintu gisobanurwa? Ubgenge bg’umuntu buzana umuco mu maso hiwe, bukahakūra iminkanyari.
Ereg’ abantu banje n’ibipfu, ntibanzi; n’abana b’ibijuju, nta bgenge bagira: bagira ubgenge bgo gukora ibibi, ariko mu vyo gukora ivyiza nta co bazi.
War’ agahore mu ngeso zawe zose uhereye umusi waremeweko, gushitsa igihe ibigabitanyo vyakubonetseko.
Kuko natwe nyene kera twar’ ibipfu, tur’ intabarirwa, tuzimizwa, tujakariye ukwifuza n’ukwinezereza vy’uburyo bginshi, twama tugira urwanko n’igono, tur’ abo kwankwa natwe twankana.