27 Ehe ngiki ico nabonye, ni k’Umusiguzi agize, mmaze kugereranya kimwe n’ikindi ngo mmenye inyanduruko zavyo;
Jewe Umusiguzi nar’ umwami w’Abisirayeli i Yerusalemu.
Nsanga ikintu kirusha urupfu kurura: n’umugore umutima wiwe ar’ imitego n’ururiba, amaboko yiwe akaba imvuto: umuntu wese ahimbara Imana azomukira, arik’ umunyavyaha azofatwa na we.
ico umutima wanje ukirondera, sindakibona: nabonye umugabo umwe mu bantu igihumbi, ariko nta mugore nabonye mur’ abo bose.