22 kuko kenshi na kenshi uzi mu mutima wawe nawe nyene ko watutse abandi.
Umwami atakw abarira Shimeyi, at’ Urazi mu mutima wawe ibibi vyose wakoreye data Dawidi, ni co gituma ivyo bibi vyawe Uhoraho agira abigusubize ku mutwe.
Kand’ ikindi, ntushire umutima ku majambo yose avugwa, ntuhave wumva umushumba wawe agutuka:
Ivyo vyose nabigerageje mu bgenge; naravuze, nti Nzoba umunyabgenge; ariko bgambaye kure.
Kuko mu mutima havamw’ ivyiyumviro bibi: ubgicanyi, ubusambanyi, ubushakanyi, ubgivyi, kwagiriza abandi ibinyoma, ibitutsi.
Urwo ni rwo dushimisha Umwami Data wa twese, kandi ni rwo tuvumisha abantu, bāremwe mw ishusho y’Imana: