21 Kand’ ikindi, ntushire umutima ku majambo yose avugwa, ntuhave wumva umushumba wawe agutuka:
Umwami aramwishura, ati Dusangiye iki ga yemwe bana ba Seruwiya? Ni yaba antutse Uhoraho ari we yamubariye, ati Tuka Dawidi; har’ uwoshobora kumubuza, at’ Ivyo ubitewe n’iki?
Abarira umwami, ati Mugenzi, ntumparūrekw ibigabitanyo, canke ngo wibuke ivy’ ubuyobe nakoze, jewe umusavyi wawe, wa musi wava i Yerusalemu, mwami wanje nyen’ ingoma, ng’ unabishirek’ umutima;
Ntukarementanirize umushumba kuri shebuja, Kugira ngo ntagende arakuvuma, maz’ ukaba wiyambitse ibara.
kuko kenshi na kenshi uzi mu mutima wawe nawe nyene ko watutse abandi.
ni bo bacumuza umuntu mw ijambo, bagatega umutego ūhanūrira mw ishikiro ry’igisagara, bakazibiranya umugororotsi n’amagambo y’ubusa.
Arikw abantu b’abagesera bamwe baravuga, bati Mbeg’ uwo muntu yodutabara ate? Baramukēngēra, ntibāruha bamuzanira n’ imishikīro. Arikw apfa kwinumira.