Biba imbuto zawe mu gitondo, kandi ku mugoroba ntupfunye amaboko: kuk’ utazi ibizokunda, ko vyoba ar’ ibi cank’ ibi, canke ko vyose bizomera neza kumwe.
Ndazi yukw ico Imana ikora cose kizokwamaho: nta kintu gishobora kwongerwa kuri co, kandi nta kintu gishobora gukūrwa kuri co: Imana ni yo yagikoze, kugira ngw abantu bayubahe.
Kandi nzosezerana na bo isezerano ritazoshira, yuko ntazorora irya ngo mbahebe, ndeke kubagirira neza; kandi mu mitima yabo nzohashira kunyubaha, na bo boye kumvako.