16 Ntube umugororotsi arengeje urugero, kandi ntiwīgire umunyabgenge burengeranye: n’iki cotuma wikwegera kuranduka?
Uwo mugore abonye ico giti yukw ar’ ikibereye kuribga, kandi ko gihimbaye mu jisho, ar’ igiti co kwifuzwa kimenyesha ubgenge, yamura ku vyo camye, arabirya, ahako n’umugabo wiwe bāri kumwe, na we ararya.
Arik’ umuntu we, ubgenge bgiwe n’ubujuju: Mber’ avuka nk’inyana y’ indogoba y’inyeshamba.
Maz’ ibgira abantu, Iti Rāba kwubaha Uhoraho ni bgo bgenge, Kandi kuva mu vyaha ni kwo gutahura.
Ntiwirushe ng’ ube umutunzi, Reka kuvyigengeterereza.
Ni warenguka ku būki, urye ubukumaze akaruru, Woye kubguzuza inda, bukakudaha.
Ibisigaye, mwana wanje, uhanurwe: kwandika ibitabo vyinshi ntikugira iherezo; kand’ ukwiga cane kuruhisha umubiri.
Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko mwubakira imva z’abāvugishwa n’Imana, mugashariza ivyibutso vy’abagororotsi,
Rāba inzu yanyu muyitānywe ar’ umusaka.
Arikw ibikorwa vyabo vyose babikora kugira ngo barābge n’abantu, kukw amambe yabo yanditswemw’ amajambo y’Imana bayagira manini, ubuyonga bg’ impuzu zabo bakabgongereza.
Kuri we haza abigishwa ba Yohana, bati N’iki gituma twebge n’Abafarisayo twisonzesha kenshi, abigishwa bawe ntibisonzeshe?
Mu misi ndwi yose nisonzesha kabiri, ntanga ikigiracumi c’ivyo ndonka vyose.
Ndabashingira intahe yuko bafise ishaka ry’Imana, ariko si mu buryo bg’ubgenge.
Bene Data, singomba ko mutamenya iri banga, mwoye kwiyita abanyabgenge, n’iry’ uko habaye gukomantaza imitima y’Abisirayeli, ariko si bose, gushitsa ah’ igitigiri gikwiye c’abanyamahanga kizokwinjirira mw ishengero.
Ndabgira umuntu wese muri mwebge, mbgirijwe n’ubuntu nahawe, yoye kwifata ukw atari, yamara yiyumvire yitonze nk’ukw Imana yagereye umuntu wese ukwizera.
Ntihakagire umuntu yihenda; umuntu wo muri mwebge ni yiyumvira kw ar’ umunyabgenge ku vy’iki gihe, abe igipfu, kugira ngw abone kuba umunyabgenge.
Kandi ng’Uhoraho arazi ivyiyumviro vy’abanyabgenge, kandi ko bitagira ikimazi.
ku vy’ ishaka nahama ishengero; ku vy’ ukugororoka kuzanwa n’ivyagezwe nta wobonye ic’ angaya.
Ntihakagire umuntu abagunga impēra yanyu, nk’uko yigombera ubgiwe, ayibagungishije kwicisha bugufi no gusenga abamarayika, aguma mu vyo yabonye gusa, atewe kwihimbariza ubusa n’ubgenge bg’akameremere kiwe,
Ayo mabgirizwa koko afise ishusho y’ubgenge, kukw abgiriza gusenga nk’ukw abantu bīrāritse, no kwicisha bugufi, no kwibabaza umubiri, ariko ntagira ikimazi co kubuza ukwifuza kw’akameremere k’umuntu.
baziza kwābīrana, baziza n’ivyo kurya, kand’ ari vyo Imana yaremye kugira ngw abizera, bakamenya ivy’ ukuri, babirye bashima.
Biyorera imikungugu ku mitwe, bataka barira baboroga, bati N’ibara, n’ibara, ca gisagara gihambaye, catungishije ubutunzi bgaco abafise amato yabo mu kiyaga bose, kuko cakomvowe mw isaha imwe!